Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 4:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ingeso zawe n’ibikorwa vyawe ni vyo bikuzaniye ibimeze birtyo; ivyo ni vyo nyishu y’ububi bgawe; ni koko n’ivy’ umubabaro, kandi bikora no ku mutima wawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 4:18
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ibijuju bibabarizwa ibicumuro vyavyo N’ukugabitanya kwavyo.


Ni co gituma bazorya ku vy’ inzira zabo zāmuje, Bazohāga akazīkira kabo ubgabo.


Umunyavyaha, ukugabitanya kwiwe bgite ni kwo kuzomufata, Azodunuzwa n’ingoyi z’icaha ciwe.


Uku ni k’Uhoraho abaza, at’ Icete c’uko tuvavanuye na nyoko, ico namwirukanishije, kiri hehe? Cank’ uwo narīriye umwenda ngatanga mwebge ngo mube inyishu, ari hehe? Ereg’ ukugabitanya kwanyu ni kwo kwatumye mutangwa, kand’ ibicumuro vyanyu ni vyo vyirukanishije nyoko.


Kandi n’abo bantu baragurira bazoshiburirwa hanze mu nzira z’i Yerusalemu bishwe n’inzara n’inkota; kandi ntibazogira uwo kubahamba, bo ubgabo, cank’ abagore babo, cank’ abahungu babo, cank’ abakobga babo: kuko nzobasubizakw ibibi vyabo.


Mbega si wewe wavyihamagariye, kuko wataye Uhoraho Imana yawe akikurōngōra mu nzira?


Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze.


Mbega Hezekiya umwami w’i Buyuda n’Abayuda bose mugira ngo bāramwishe? Hezekiya ntiyaciye atinya Uhoraho, akamukomera ibobo, Uhoraho na we akīgarura akareka ivyago yari yabageneye? Twogira ico tumugira twoba dukwegeye ubugingo bgacu ivyago bihambaye.


Maz’ igihe bazobaza, bati Mbeg’ Uhoraho Imana yacu ivyo vyose yabidukoreye ku ki? nawe ni ho uzobabarira, uti Nk’uko mwataye Imana, mugakorerera imana z’inyamahanga mu gihugu canyu, uko ni ko muzokorerera abanyamahanga mu gihugu kitar’ icanyu.


Mut’ Ibigabitanyo vyanyu ni vyo bibujije ivyo, kand’ ivyaha vyanyu ni vyo bibīmishije ivyiza.


ni wumve, wa si we, ehe ngira nzane ivyago kur’ ubu bgoko, vyandurutse mu vyiyumviro vyabo, kuko batumviye amajambo yanje, kand’ ivyagezwe vyanje bakaba bārabikēngereye.


Nabashubirije mu nkōko ibihwanye n’ukwandura kwabo n’ibihwanye n’ibigabitanyo vyabo; mbahisha mu nyonga hanje.


Kandi mu mitima yabo ntibiyumvira yuko nibuka ivyaha vyabo vyose; noneh’ ibikorwa vyabo bibataye hagati, kandi biri mu nyonga zanje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ