Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 4:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 buti Mubarire amahanga, mubūrire Yerusalemu, yukw abaje gutega ibico bariko baraza, bavuye mu gihugu ca kure, bīrahira ibisagara vy’i Buyuda n’amajwi arenga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 4:16
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mwa mahanga, ni mwīgire hafi kugira ngo mwumve; mutege amatwi mwa moko mwe; isi ni yumve, bo n’ibiyuzuye; n’ivu n’ibirimeramwo.


Bukeye haza uwavugishwa n’Imana Yesaya ku mwami Hezekiya, aramubaza, at’ Abo bantu bavuze iki? Kandi baje i wawe bavuye hehe? Hezekiya aramwishura, ati Baje bavuye mu gihugu ca kure i Babuloni.


Kuko rāba, nzohamagara imiryango yose yo mu bihugu vy’abami b’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze; bazoza, umuntu wese ashinge intebe yiwe y’ubgami mw ishikiro ku marembo y’i Yerusalemu, ahaherereye ku nzitiro zaho zose zihazitiriye, n’ahaherereye ku bisagara vyose vy’i Buyuda.


Abakuru n’abato bazopfira mur’ iki gihugu: ntibazohambga, kand’ abantu ntibazobaborogera, canke ngo bikebagure, canke ngo babīmwēre ibimwerere:


Imigunza y’intambge yamwivugiyeko irenza amajwi, yahinduye igihugu ciwe imisaka; ibisagara vyiwe vyaturiwe, bisigaye ata wukihaba.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa mahanga, muvyamamaze mu bizinga vya kure mu kiyaga: muvuge, mut’ Uwashwiragije Abisirayeli ni we azobatororokanya, abazigame, nk’uk’ umwungere agirira umukuku wiwe.


Nuko Yerusalemu haratsindwa. Nebukadineza umwami w’i Babuloni, n’ingabo ziwe zose, yaje gutera Yerusalemu arahugariza, mu mwaka ugira icenda Zedekiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, mu kwezi kw’icumi;


Bakikije Yerusalemu nk’abarinda ivyona umurima, kuko hangararije, ndabivuze jewe Uhoraho.


Ehe ngira mbazanire ihanga rivuye kure, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli, ni jewe Uhoraho mbivuze; n’ihanga rihambaye, n’ihanga ryamyeho kera, n’ihanga rivuga ururimi mutazi, mutoshobora no kwumva ico rivuga.


Ni co gituma intambge yo mu kibira izobica, n’ibingira rigendagenda uko buhwibiriye rizobasahura, n’ingwe izotegera ku bisagara vyabo, maz’ ūbisokorokamwo wese atabagurwe; kuk’ ukugabitanya kwabo ari kwinshi, n’ugusubira inyuma kwabo kukaba kurenze urugero.


Mubitāngāze mu mahanga, muvyamamaze, mushinge ibendera; muvyamamaze, ntimubihishe, mut’ I Babuloni haratsinzwe, ikigirwamana Beli kiratēterewe, Merodaki kiravunaguritse; ibishushanyo vyaho biratēterewe, ibigirwamana vyaho biravunaguritse.


None rero mwa mahanga, ni mwumve ibigira bibabeko; ubimenye, wa koraniro ry’amoko;


ni wumve, wa si we, ehe ngira nzane ivyago kur’ ubu bgoko, vyandurutse mu vyiyumviro vyabo, kuko batumviye amajambo yanje, kand’ ivyagezwe vyanje bakaba bārabikēngereye.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Eh’ ubgoko buraje buvuye mu gihugu c’i burārūko; ihanga rikomeye rizovyutswa rive ku mpera y’isi.


Bābiriye imiheto n’amacumu; ni ba ruburakigongwe, nta mbabazi bagira; ijwi ryabo ribomborana nk’ikiyaga, kandi bagendera ku mafarasi; bāzira mu rugamba icarimwe, nk’umuntu umwe, kugira ngo bagutere, ewe mukobga w’i Siyoni.


Umve, ijwi ry’ugutakamba kw’umukobga, ari we bgoko bgacu, rituruka hirya no hino mu gihugu, riti Mbeg’ Uhoraho ntakiba i Siyoni? Mbeg’ Umwami waho si ho akiri? Mbega na bo n’iki catumye bandakisha ibishushanyo vyabo bibājwe, n’ ivy’ imburakimazi vy’ivyaduka?


Mu kuboko kwiwe kw’i buryo ni ho haranze i Yerusalemu, ngw ahomvoze inzitiro zaho ibiti vy’imigogo, yasamire abazoharirikirwa, ashire hejuru avuze akarūru, ahomvoze amarembo ibiti vy’ imigogo, akirundire ibigunguzi vyo kwūririrako, yubake n’ibihome vyo kuhatera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ