Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 4:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ewe Yerusalemu, ni wuhagire umutima wawe ivyaha, kugira ng’ ukizwe. Uzogeza ryari kwama usembereza ivyiyumviro vyawe bibi mu mutima?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 4:14
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nanka ab’ imitima ibiri; Arikw ivyagezwe vyawe ndabikunda.


Unyuhagire rwose ukugabitanya kwanje, Unyoze icaha canje.


Iyaba nari nshize umutima wanje ku vyo kugabitanya Umwami Imana ntaba yaranyumviye.


Ati Yemwe bijuju, muzogeza ryari gukunda ubujuju? N’abacokoranyi guhimbarwa no gucokora? N’ibipfu kugirira urwanko ubgenge?


umunyavyaha n’areke inzira yiwe, ūgabitanya areke ivyiyumviro vyiwe: agaruke k’Uhoraho, na we aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu, kukw ikunda guharira.


Nabonye ibizira vyawe, ni bgo busambanyi bgawe, n’ukuroherana kwawe, ni bgo bushakanyi bg’ubusambanyi bgawe, ku misozi no ku gahinga. Uzobona ibara, ewe Yerusalemu! Ko wanse kwezwa: mbeg’ uzogeza ryari?


Icaha ca Yuda candikishijwe ikaramu y’icuma, n’ akabuye gasongoye kitwa alimasi: canditswe ku bisate, ari vyo mitima yabo, canditswe no ku mahembe y’ibicaniro vyabo;


Nuko rer’ ubarire abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ehe mbagereye ikibi, nīgīriye imigabo y’ivyo nzobagirira: enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye inzira zanyu n’ ingeso zanyu.


Naho wokwiyuhagiza ivyitwa amagadi, ukīyabīrira n’isabuni nyinshi, ukugabitanya kwawe kuzoba ubgome imbere yanje, ni jewe Umwami Uhoraho mbivuze.


ni wumve, wa si we, ehe ngira nzane ivyago kur’ ubu bgoko, vyandurutse mu vyiyumviro vyabo, kuko batumviye amajambo yanje, kand’ ivyagezwe vyanje bakaba bārabikēngereye.


Ni mute kure ibicumuro vyanyu vyose mwacumuye, mwironkere umutima musha n’impwemu nsha: n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


ntihakagire n’umwe muri mwebge yīgīra imigabo mu mutima wiwe yo kugirira nabi mugenzi we: kukw ivyo vyose ari vyo nanka, ni k’Uhoraho agize.


Ni mube muvuga igiti kw ari ciza n’ivyo camye kw ari vyiza, canke mube muvuga igiti kw ari kibi n’ivyo camye kw ari bibi; kukw igiti kimenyekanira ku vyo camye.


Umwami Yesu aramubgira, at’ Erega mwebge Abafarisayo mwoza inyuma y’igikombe n’inkōko, arikw imbere muri mwebge mwuzuye ubgambuzi n’ububi.


Simoni Petero aramubgira, ati Mugenzi, ntugarukize ku birenge gusa, arik’ ushikane ku maboko no ku mutwe.


Nuko wihane ubgo bubi bgawe, usenge Umwami Imana, namba kumbure ivyo wiyumviriye mu mutima wawe wobiharirwa.


kuko bāmenye Imana ntibayubahe nk’Imana, ntibayishime; ariko bācitse abiyumvira ivy’ ubusa, imitima yabo y’imburabgenge icura umwiza.


Kandi ng’Uhoraho arazi ivyiyumviro vy’abanyabgenge, kandi ko bitagira ikimazi.


Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ