Nk’uko ndiho, ni k’Umwami agize, ari we yitwa Uhoraho Nyen’ ingabo, n’ukuri nk’uko Tabora umeze ku yindi misozi, kandi nk’ uko Karumeli umeze ku kiyaga, ni k’ūgiye kuza azoza ameze.
Uhoraho ateba kuraka, kand’ afise ububasha bginshi, ntatsindanishiriza na gatoya abo gutsindwa; inzira y’Uhoraho ica mu gashururu no mu kirura, kand’ ibicu ni wo mukungugu utumurwa n’ibirenge vyiwe.