Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 4:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Eh’ azodūga aze nk’ibicu, n’imikogote yiwe izoza nk’agashururu; amafarasi yiwe azorusha inkukuma kunyaruka. Tubonye ibara! Turageseye!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 4:13
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ewe kuntu Sauli na Yonatani bākundwa, kand’ ar’ abanyagikundiro! Nta cabatandukanije mu kubaho kwabo canke mu gupfa kwabo. Bārusha inkukuma kunyaruka, Bārusha n’intambge gukomera.


Ziva mu gihugu ca kure, ku mpera y’ijuru; Uhoraho azananye n’ibirwanishwa vy’ugushangashirwa kwiwe, guhonnya igihugu cose.


Imbūri yo kuri Egiputa. Rāba Uhoraho areruwe n’ igicu cihuta, aja muri Egiputa; ibigirwamana vyo muri Egiputa bizohindira agashitsi imbere yiwe, umutima wa Egiputa uzoyagira mu nda.


I Yerusalemu haradandabagiranye, i Buyuda haratemvye; kuk’ ururimi rwabo n’ibikorwa vyabo ar’ ibigarariza Uhoraho, bakajinyūrira imbere y’inyonga ziwe z’icubahiro.


imyampi yabo irasongoye, n’imiheto yabo yose irabanze; inzāra z’amafarasi yabo zizomera nk’isare, n’amakurudumu y’imikogote yabo azogenda nk’agashururu.


Kuk’ Uhoraho azozanana n’ umuriro, kand’ imikogote yiwe izoba imeze nk’agashururu; kugira ngo yīmarishe ishavu uburake bg’inkazi, abahanishe imbeya z’ umuriro.


Ewe jewe ndagowe, ndatonekaye! Uruguma rwanje rurambabaje: maze ndavuga, nt’ Ereg’ aya n’amagorwa nyene, nkwiye gupfa kuyihanganira.


arik’ umuyaga uruta ben’ uyo uzovayo ari jewe ndawugomoye: mur’ aka kanya ngira mbacirekw amateka.


Kuko numvise ijwi nk’iry’ umugore aramutswe, ubusinzikare bg’ūrikw aravyara umwana w’uburiza, ijwi ry’umukobga w’i Siyoni ahuzagizwa, ata amaboko, at’ Ewe jewe ndagowe! Umutima wanje ugwiriye igihumura imbere y’abicanyi.


Nk’uko ndiho, ni k’Umwami agize, ari we yitwa Uhoraho Nyen’ ingabo, n’ukuri nk’uko Tabora umeze ku yindi misozi, kandi nk’ uko Karumeli umeze ku kiyaga, ni k’ūgiye kuza azoza ameze.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Eh’ umwansi azoza aguruka nk’inkukuma, azosanza amababa i Mowabu.


Eh’ azodūga aguruke nk’inkukuma, asānze amababa i Bosira: kand’ umutima w’abahizi b’i Edomu kur’ uwo musi uzohinduka nk’umutima w’ umugore ari ku bise.


Bābiriye imiheto n’amacumu; ni ba ruburakigongwe, nta mbabazi bagira; ijwi ryabo ribomborana nk’ikiyaga, kandi bagendera ku mafarasi; bāzira mu rugamba icarimwe, nk’umuntu umwe, kugira ngo bagutere, ewe mukobga w’i Siyoni.


Kukw ijwi ry’amaborogo yumvikana i Siyoni, rit’ Ewe kuntu tugeseye! Turatēterewe cane, kuko twirukanywe mu gihugu cacu, kandi bāsanganguye amazu yacu.


Abaduhīga barusha inkukuma zo mu kirēre kunyaruka: Badukinagiza ku misozi miremire, bakaducira ibico mu bugaragwa.


Kandi kukw amafarasi yiwe ari menshi, umukungugu azosūra uzokuyoberanya: inzitiro zawe zizonyiganyizwa n’akariri k’abagendera ku mafarasi, n’ak’ imikogote itwara ibintu n’ak’ imikogote y’intambara, igihe azofyuka mu marembo yawe, nk’ukw abantu bitera mu gisagara giciwe ikirengero.


Nuk’ uzodūga, uje nk’ikirura, uzoba nk’igipfungu cubikije mu gihugu, mwe n’ingabo zawe zose, n’amahanga menshi muri kumwe.


Maze mu gihe c’ iherezo umwami w’i bumanuko azomutera, kand’ umwami w’i burārūko azoja kumutega ameze nk’ agashururu, azanye imikogote n’abagendera ku mafarasi n’amāto menshi; azotera ibihugu, asendanishe, abihitane.


Ica mbere casa n’intambge, kandi cari gifise amababa nk’ay’ inkukuma; ndacitegereza, gushitsa ah’ ivyubi vyaco bihanyuwe, gikūrwa hasi, gihagarikwa ku maguru, cēma nk’umuntu, kandi gihabga umutima nk’uw’ umuntu.


Shira inzamba ku munwa! Araje nk’inkukuma, gutera ingoro yanje, jewe Uhoraho! Kuko bishe isezerano ryanje, bagacumura ku vyagezwe vyanje.


Uwo musi muzoba iciro ry’imigani, mucure intimba, muti Biracitse! Turageseye! Umugabane w’ubgoko bgacu yawuhaye abandi, arawutunyaze! Amatongo yacu yayagabanganije abanyazi!


Uhoraho ateba kuraka, kand’ afise ububasha bginshi, ntatsindanishiriza na gatoya abo gutsindwa; inzira y’Uhoraho ica mu gashururu no mu kirura, kand’ ibicu ni wo mukungugu utumurwa n’ibirenge vyiwe.


Amafarasi yabo arusha ingwe ubukuba, kand’ arusha ubukazi amabingira agenda ijoro: abagendera ku mafarasi yabo baza bihaya: mber’ abagendera ku mafarasi yabo baza bavuye kure; baguruka nk’inkukuma yihutira ico irotsa.


Nuko nongera kwunamura amaso, mbona imikogote ine iturutse hagati y’imisozi ibiri; kand’ iyo misozi yar’ imiringa.


Bun’ ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kizobonekera kw ijuru, ni ho amoko yose yo mw isi azoboroga, bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.


Uhoraho azobagomorera ihanga rya kure, ribatere, arikūye ku mpera y’isi, rize nk’ukw inkukuma yirasa, ihanga mutazomenya ururimi rwaryo,


Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abāmucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ