Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 4:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Maze ndavuga, nt’ Ewe Mwami Uhoraho! Mbega ko wahenze rwose ubu bgoko n’i Yerusalemu, wavuze ngo Muzoba amahoro: kandi non’ inkota ikaba igeramiye amagara yabo!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 4:10
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mose asubira k’Uhoraho, aramubaza, ati Mwami, n’iki gitumye ugirira nabi ubu bgoko? kandi n’iki catumye untuma?


Ut’ Ubu rero, agira agomore ivyago vyiwe vyose bitere umutima wawe, n’abanyarugo bawe, n’abantu bawe, kugira ng’ umenye yukw ata wuhwanye na we mw isi yose.


babarira abamenyi, bati Ntimutumenyere, bakabgira n’aberekwa ibizoba, bati Ntimutubarire ivyo mweretswe vy’ukuri, ariko mutubarire ivyoroshe, muvugishwe ivy’ ibinyoma;


Ut’ Arik’ Uhoraho ngw Azozigama uyu murwa kugira ngw awukize, abikoze kubgiwe no kubg’ umusavyi wiwe Dawidi.


Ewe Uhoraho, n’iki gituma utuzimiza inzira zawe, ugakomantaza imitima yacu ntitukwubahe? Garuka kubg’ abasavyi bawe, imiryango y’ishamvu yawe.


Maze ndavuga, nti Yō, erega Mwami Uhoraho, sinzi kuvuga, kuko nkiri muto.


Ntibahengeshanya kubarira abakēngēra ijambo ryanje, bat’ Uhoraho yavuze ngo Muzoba amahoro; kand’ umuntu wese agendera mu budadarare bg’umutima wiwe, baramubgira, bati Nta cago kizobazako.


nt’ Ewe Mwami Uhoraho! Erega ni wewe waremye ijuru n’isi, ubiremesha ubushobozi bgawe buhambaye, n’ukuboko kwawe kurāmvuye: nta kintu na kimwe kikunanira.


Ingeso zawe n’ibikorwa vyawe ni vyo bikuzaniye ibimeze birtyo; ivyo ni vyo nyishu y’ububi bgawe; ni koko n’ivy’ umubabaro, kandi bikora no ku mutima wawe.


Bīhakanye Uhoraho, ngo Nta we; kandi ngo Nta vyago bizotuzako, nta n’inkota tuzobona cank’ amapfa;


Bāvūye igikomere c’abantu banje imirenzako, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho.


Kandi bāvūye imirenzako igikomere ca wa mukobga ari bo bantu banje, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho.


Umusore n’umutāma barambaraye hasi mu nzira; Abigeme banje n’imisore yanje bahindikiranijwe n’ inkota; Wabatikije ku musi w’uburake bgawe; warabariritse ata kagongwe.


Maze ndabibabūriye, Pelatiya mwene Benaya aca arahwera. Nanje nca nikubita hasi nubamye, ntera ijwi hejuru, nti Yō! nti Yewe Mwami Uhoraho! nti Mbeg’ ugira uherengeteze rwose amasigarira y’ Abisirayeli?


Ni co catumye Imana ibaheba ngo bakore ibiteye isoni, bumvire ivy’ imitima yabo yifuza, bonone imibiri yabo,


Ni co catumye Imana ibaheba ngo bifuze ivyonona: kukw abagore babo ic’ imibiri yabo yaremewe bāgihinduye ukundi, itāremewe.


Kandi nk’uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, ni kw Imana yabahevye ngo bagire imitima y’akāhebge, bakore ibitabereye;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ