Yeremiya 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Namb’ ugomba guhindukira, ewe Isirayeli, ni jewe ukwiye guhindukirira, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi ni wakūrah’ ivyo ukora vy’ubuyobe mu nyonga zanje, nuko nawe ntuzokūrwaho; အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kand’ ibitabo vyātabge ku mpinga y’umusozi werekeye i Yerusalemu, ahahera i bumanuko h’umusozi w’ibore, ivyo Salomo umwami w’Abisirayeli yatabiye Ashitoreti ca kizira c’ubuyobe c’ Abasidoni, na Kemoshi ca kizira c’ubuyobe c’Abanyamowabu, na Milikomu ca kizira c’ubuyobe c’ Abamoni, umwami arabihumanya.
Kand’ abahamagara imizimu n’abamenyi n’ibishushanyo vyitwa terafimu n’ibishushanyo vy’ibigirwamana, n’ibizira vyose vy’ubuyobe vyabonetse mu gihugu c’i Buyuda n’i Yerusalemu, na vyo Yosiya abikūraho, kugira ngw ashitse amajambo y’ivyagezwe yanditswe mu gitabo Hilukiya umuherezi yatoye mu ngoro y’Uhoraho.
Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.