Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Namb’ ugomba guhindukira, ewe Isirayeli, ni jewe ukwiye guhindukirira, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi ni wakūrah’ ivyo ukora vy’ubuyobe mu nyonga zanje, nuko nawe ntuzokūrwaho;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 4:1
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yakobo aca abarira abiwe n’ abari kumwe na we bose, ati Ni mukūreh’ ibigirwamana vy’abanyamahanga biri muri mwebge, mwihumanure, mwambare izindi mpuzu:


Kand’ ibitabo vyātabge ku mpinga y’umusozi werekeye i Yerusalemu, ahahera i bumanuko h’umusozi w’ibore, ivyo Salomo umwami w’Abisirayeli yatabiye Ashitoreti ca kizira c’ubuyobe c’ Abasidoni, na Kemoshi ca kizira c’ubuyobe c’Abanyamowabu, na Milikomu ca kizira c’ubuyobe c’ Abamoni, umwami arabihumanya.


Kand’ abahamagara imizimu n’abamenyi n’ibishushanyo vyitwa terafimu n’ibishushanyo vy’ibigirwamana, n’ibizira vyose vy’ubuyobe vyabonetse mu gihugu c’i Buyuda n’i Yerusalemu, na vyo Yosiya abikūraho, kugira ngw ashitse amajambo y’ivyagezwe yanditswe mu gitabo Hilukiya umuherezi yatoye mu ngoro y’Uhoraho.


Maze Asa yumvise ayo majambo, ayo mwene Odedi yavugishijwe, arema mu mutima, akūrah’ ibizira vy’ubuyobe mu gihugu cose c’i Buyuda n’i Bubenyamini, no mu bisagara yihesheje umuheto vyo mu mugamba w’ Abefurayimu; yongera guhagarika igicaniro cār’ imbere y’urubaraza rw’ingoro y’Uhoraho.


Kand’ iti Sinzosubira gukūra Abisirayeli ngo bave mu gihugu nashinze ko kizoba ica ba sekuruza, ni bitondera ivyo nabageze vyose, ari vyo vyagezwe n’ amabgirizwa n’imigenzo nageze mbitumye Mose.


Maze Yosiya akūra ibizira vyose vy’ubuyobe mu ntāra zose z’Abisirayeli, yemeza abari mu gihugu c’i Bgisirayeli bose gusaba Uhoraho Imana ya ba sekuruza. Igihe cose yamaze akiriho nta ho bāretse gukurikira Uhoraho, Imana ya ba sekuruza.


Yemwe Bisirayeli, ni muhindukirire uwo mwagararije ruhebga.


None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni wahindukira nzokugarukana, ubone guhagarara imbere yanje; kandi ni warobanura ivy’ ingirakimazi ukabikūra mu vy’imburakimazi, uzoba nk’akanwa kanje: abandi baze baguhindukirire, ariko weho ntuz’ ubahindukirire.


Kandi nzobagira akabarore mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, kubga Manase mwene Hezekiya, umwami w’i Buyuda, kubg’ ivyo yakoreye i Yerusalemu.


Nuko rer’ ubarire abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ehe mbagereye ikibi, nīgīriye imigabo y’ivyo nzobagirira: enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye inzira zanyu n’ ingeso zanyu.


mbere nzobatanga batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo mbagirire nabi; bazoba igitutsi n’iciro ry’imigani n’agatwengo n’ ibivume, ahantu hose aho nzobirukanira.


at’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, muve mu bubi bg’ibikorwa vyanyu, ni ho muzokwibera mu gihugu Uhoraho yabahānye na ba sogokuruza, uhereye kera ugashitsa ibihe bitazoshira.


Baravuga, bat’ Umuntu ni yirukana umugore wiwe bakavana, akābīrwa n’uwundi mugabo, mbeg’ uwo mugabo wiwe yosubira kumugarukana ukundi? Mbega n’igihugu nyene nticoba cononekaye? Nawe wīgize maraya ku būzure batari bake; non’ ugira ngo wongarukako? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Genda uvuge aya majambo werekeye i burārūko, uti Garuka, yewe Isirayeli Inamusubiranyuma, ni jewe Uhoraho mbivuze. Sinzokurābana ishavu, kuko nd’ umunyembabazi, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi sinzokwamana uburake imisi yose.


Garuka, mwa bantu basubiye inyuma, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko jewe nd’ umugabo wanyu; kandi nzobagarukana i Siyoni, umwe ndamukūye mu gisagara kimwe, babiri mu muryango umwe;


Garuka, mwa bantu basubiye inyuma, nzoharira ugusubira inyuma kwanyu. Ehe tukugarutseko, kukw ari wewe Uhoraho Imana yacu.


Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.


Kumbure ab’ inzu ya Yuda bokwumva ivyago vyose nageneye kubatēza, bagahindukira, umuntu wese akava mu nzira yiwe mbi, kugira ngo mbone guharira ukugabitanya kwabo n’icaha cabo.


Enda ni mukebge, munyiyegurire jewe Uhoraho, mukūreh’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, mwebge bagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu; ubushangashirwe bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mutunganye ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, nanje nzobabesha aha hantu.


Erega ni mwatunganya ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, ni mwaca imanza ziri hagati y’umuntu na mugenzi we,


nuko nanje nzobabesha aha hantu, mu gihugu nahaye ba sogokuruza, uhereye ubga mbere ugashitsa ibihe bidashira.


Nuko bazojayo, bahakūre ibintu vyaho vyose nanka urunuka, n’ibizira vyaho vyose.


akagurānira kuzohabga ay’ inyungu, akāka ibirenzeko: ben’ uyo mbega yobaho? Eka ntiyobaho: ko yoba yarakoze ivyo bizira vyose, ntiyobura gupfa; kand’ amaraso yiwe azoba kuri we.


Noneho ni bankūre imbere ubgo bumaka bgabo, n’imivyimba y’abami babo, babinshire kure, mbone kuba hagati muri bo gushitsa ibihe bidashira.


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


Ni mwībūranire na nyoko, ni mwībūranire; kukw atar’ umugore wanje, nanje sind’ umugabo wiwe: n’akūre ubushegabo bgiwe mu maso hiwe, n’ubumaka bgiwe abukūre hagati y’amabere yiwe;


Barahindukira, ariko si kuri jewe Ūsumba vyose; bameze nk’ umuheto utaye uruvuto. Abaganwa babo bazohindikiranywa n’inkota, bazize ukurandamuka kw’ururimi rwabo: ico ni co kizotuma baba agatwengo mu gihugu ca Egiputa.


Enda naho bigeze iyo, ni k’ Uhoraho agize, ni mungarukeko n’imitima yanyu yose, mwisonzesha, murira, muboroga;


Mureke kuba nka ba sogokuruza banyu, abo navugisha kera bābabarira basemerera, bat’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Enda ni muhindukire muve mu ngeso zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi; maze ntibumva, nanje ntibanyumvira, ni k’Uhoraho agize.


bat’ Azoba avumwe, umuntu abāza igishushanyo cank’ akakivugutira mu nkero, ar’ igikorwa c’umuhinga, akagishinga mu mpisho, kand’ ar’ ubuyobe k’ Uhoraho. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Ni mwaramuka mugiye mu vyago, ivyo vyose bikabashikako, amaherezo muzohindukirira Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire;


None rero ni mwubahe Uhoraho, mumusabe mu vy’ukuri ata buryarya; mukūreho za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi no muri Egiputa, Uhoraho abe ari we musaba.


Baraheza bakūraho izo mana z’inyamahanga, basubira gusaba Uhoraho, na we aca agira ikigumbagumba mu mutima kubgo kubona imibabaro y’Abisirayeli.


Maze Samweli abarira ab’ inzu y’Abisirayeli bose, ati Ni mwaba mugarutse k’Uhoraho n’ imitima yanyu yose, ni mukūreh’ ibigirwamana vy’abanyamahanga na Ashitaroti biri muri mwebge, muherereze imitima yanyu k’Uhoraho, abe ari we musaba wenyene, na we azobarokora, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ