Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 39:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Maze Nebuzaradani, umukuru w’abashibamyi, ajana i Babuloni amasigarira y’abantu bāri bagisigaye mu gisagara, n’abāri bāragiye kumwisaba, n’amasigarira y’abantu bāri bagisigaye, abajana ar’ inyagano.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 39:9
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ba Bamidiyani, bashikanye Yosefu muri Egiputa, bamugura na Potifari, umugendanyi wa Farawo, yaganza abamushibamira.


Kand’ abahungu bawe uzoba wikūriye mu nda wavyaye bazobajana, bagirwe inkone zo kuba mu ngoro y’umwami w’i Babuloni.


Maz’ amasigarira y’abantu bāri bagisigaye mur’ ico gisagara, n’abāri baragiye kwisaba umwami w’i Babuloni, n’amasigarira y’abafundi, Nebuzaradani uwo mukuru w’abashibamyi abajana ar’ inyagano.


Maze Nebuzaradani, wa mukuru w’abashibamyi, arabajana, abasanza umwami w’i Babuloni i Ribula.


Ni co catumye abantu banje bajanwa ar’ inyagano, ata co bigeze bamenya: abanyacubahiro bo muri bo bishwe n’inzara, kand’ ishengero ryabo ryose ryāgatuwe n’inyota.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Eh’ ababa mu gihugu iki gihe nzobashiburira kure, nzobababaza kugira ngo bibonereko.


nuko rero ngw Azobirukana abakūre mur’ iki gihugu, muje mu gihugu mutigeze kumenya, mwebge canke ba sogokuruza banyu; muzohasabira izindi mana ku murango no mw ijoro; ngo Kukw atazobahangaza na gatoya.


Kandi nk’uko bata insukoni ziboze, zidashoboka kuribga kubgo kubora, ni ko nzota Zedekiya umwami w’i Buyuda, n’abaganwa biwe, n’amasigarira y’i Yerusalemu asigaye mur’ iki gihugu, n’abāgiye kuba mu gihugu ca Egiputa, ni jewe Uhoraho mbivuze;


Maz’ umwami Zedekiya yishura Yeremiya, ati Ntinya Abayuda bāmaze kwisaba Abakaludaya, kuko bobampa bakanshinyagurira.


Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi amaze kumubohorera i Rama, iyo yari yaramujanye ari mu munyororo, hamwe n’imbohe zose zavuye i Yerusalemu, izo bājana i Babuloni ar’ inyagano.


Nukw abagabisha bose b’ingabo bari bakwiragiye mu misozi, bo n’ingabo zabo, bumvise yuk’ umwami w’i Babuloni yashizeho Gedaliya mwene Ahikamu kuganza igihugu, kandi ko yamuragije abagabo n’abagore n’abana, n’abo muri ba nyarucari batambukanywe kw inyagano i Babuloni;


Maze Nebuzaradani, wa mukuru w’abashibamyi, arabajana, abasanza umwami w’i Babuloni i Ribula.


Umwami w’i Babuloni arabazibagura, abatsinda ngaho nyene i Ribula, mu ntāra y’i Hamati. Uko ni kw Abayuda bajanywe kw inyagano, bakūrwa mu gihugu cabo.


Maze Daniyeli abgirana Ariyoki umukuru w’abashibamyi b’umwami ubgenge n’ukwitonda; ni we yari yagomowe kwica abanyabgenge b’i Babuloni.


Namwe nzobashwiragiriza mu mahanga, nsokōre inkota, mbirukane; igihugu canyu kizosigara gitamāriwe, n’ibisagara vyanyu bicike imisaka.


Kand’ Uhoraho azobasābagiriza mu mahanga, kandi muzosigara mur’ inkehwa mur’ ayo mahanga, iyo Uhoraho azoba yarabajanye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ