Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 39:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maze Zedekiya umwami w’i Buyuda n’ingabo zose bababonye, barahunga, bahenga mw ijoro bava mu gisagara, baciye mu ndimiro y’umwami no mu kirimba kiri hagati y’inzitiro zibiri: umwami ajana inzira ica mu kiyaya Araba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 39:4
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Hezekiya agumya umutima, asanura uruzitiro aho rwari rwarasenyutse hose, arwubakakw iminara, yubaka n’urundi ruzitiro inyuma yarwo, akomeza n’i Milo mu gisagara ca Dawidi; arondeza ibirwanishwa n’inkinzo vyinshi cane.


Amazi yo mu kidengeri ca kera muyacira urugomero hagati y’inzitiro zompi: ariko ntimwasubiza ijisho ku wari yarakoze ivyo, kandi ntimwashira umutima ku wabiremye kera cane.


Abākuganza bose ko bahungiye hamwe, bagafatanwa imiheto, kand’ abahizi bawe bose bakaba bafatiwe mpiri hamwe, naho bāri bahungiye kure!


maze Ariyeli nzoca mpababaza, hazoba kurira no kuboroga; kand’ aho hazombera nka Ariyeli nyene.


Uti Na Zedekiya umwami w’i Buyuda ntazokira amaboko y’Abakaludaya, arik’ uti Ntazobura gutangwa mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, uti Bazokwivuganira barābana imbonankubone;


uti Kand’ azoshumika Zedekiya amujane i Babuloni, ngw Azobayo gushitsa aho nzomugendera, ngo Ni k’Uhoraho agize; ngo Naho mworwanya Abakaludaya ntimuzotsinda?


Kandi segaba ari muri bo azokwikorera ku rutugu mw ijoro, asohoke: bazokwimba batobore uruzitiro ngo bahacane ibintu; na we azokwitwikira mu maso, ngo ntaz’ abone igihugu.


Usohore ibintu vyawe ku murango bakubona, nk’ ibijonjoranwa: nawe ubgawe uhenge mu kagoroba usohoke bakubona, nk’ukw abantu bāmbukanywe bagenda.


Kandi nzohoza igitsūre canje kuri mwebge, muzoneshwa n’abansi banyu: ababanka ni bo bazobaganza; kandi muzohunga ata kibirukanye.


Amasigarira yo muri mwebge nzotuma barandukira imitima mu gihugu c’abansi babo: bazokangwa n’ ukwumva akababi gakakaje, bahunge nk’ūhunga inkota; bazotemba ata kibirukanye.


Ūbangutse azobura ukw ahunga, n’umuhizi nta co ubuhizi bgiwe buzomumarira, n’intōre ntizoruha yikiza;


Uhoraho azotuma muneshwa n’abansi banyu: muzojana inzira imwe mubateye, mu kubahunga muce mu nzira ndwi; muzoba akūmiza mu bihugu vyose vyo mw isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ