Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 39:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Hatsinzwe, abaganwa bose b’umwami w’i Babuloni baraza basagaza mu kirimba co hagati, ni bo aba: Nerugali‐sharezeri, na Samugari‐nebo, na Sarusekimu, na Rabu‐sarisi, na Nerugali‐sharezeri, na Rabu‐magu, bo n’abandi baganwa bose b’umwami w’i Babuloni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 39:3
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abāvuye i Babuloni bigirira ikigirwamana citwa Sukoti‐benoti, abāvuye i Kuta bigirira Nerugali, ab’i Hamati bigirira Ashima,


Kuko rāba, nzohamagara imiryango yose yo mu bihugu vy’abami b’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze; bazoza, umuntu wese ashinge intebe yiwe y’ubgami mw ishikiro ku marembo y’i Yerusalemu, ahaherereye ku nzitiro zaho zose zihazitiriye, n’ahaherereye ku bisagara vyose vy’i Buyuda.


mut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzobakubiranya hamwe n’ibirwanishwa biri mu maboko yanyu, ivyo murwanisha umwami w’i Babuloni n’Abakaludaya babugarije, muriko murabarwanisha inyuma y’inzitiro z’iki gisagara, mbakoranirize hamwe hagati muri co.


Maze Yeremiya abarira Zedekiya, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, ati Ni wagenda ukīsaba abaganwa b’umwami w’i Babuloni, uzokwikiza, kand’ iki gisagara ntikizotongozwa umuriro; nawe uzobona kubaho, n’abo mu nzu yawe.


Nuko Nebuzaradani uwo mukuru w’abashibamyi aratuma, bo na Nebushazabani na Rabu‐sarisi na Nerugali‐sharezeri na Rabu‐magu, n’abakuru bose b’umwami w’i Babuloni,


Kandi kukw amafarasi yiwe ari menshi, umukungugu azosūra uzokuyoberanya: inzitiro zawe zizonyiganyizwa n’akariri k’abagendera ku mafarasi, n’ak’ imikogote itwara ibintu n’ak’ imikogote y’intambara, igihe azofyuka mu marembo yawe, nk’ukw abantu bitera mu gisagara giciwe ikirengero.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ