Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 39:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 maze mu mwaka ugira icumi na rimwe Zedekiya ari ku ngoma, mu kwezi kwa kane, ku musi wakwo w’icenda, basatura uruzitiro rw’ico gisagara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 39:2
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi ryongera kuza no ku ngoma ya Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda, gushitsa no kw iherezo ry’umwaka ugira icumi na rimwe Zedekiya mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma; rishitsa n’igihe ab’ i Yerusalemu bājanywe kw inyagano mu kwezi kwa gatanu.


Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho mu mwaka ugira icumi Zedekiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni wo wagira icumi n’umunani Nebukadineza ari ku ngoma.


Rāba nzobigera, ni jewe Uhoraho mbivuze, mbagarukane kur’ iki gisagara; kandi bazokirwanya bagitsinde, bagitongoze umuriro: kand’ ibisagara vy’i Buyuda nzobigira imisaka, ata wukihaba.


Kand’ Abakaludaya bazogaruka, batere iki gisagara; bazogitsinda bagitongoze umuriro.


Ni mwūrire ku nzitiro zaho, muhonnye; yamara ntimuherengeteze rwose: mukūreh’ amashami yaho, kukw atar’ ay’ Uhoraho.


Maze mu mwaka ugira icumi na kabiri uhereye aho twambukaniwe tur’ inyagano, mu kwezi kw’ icumi, ku musi ugira gatanu w’ ukwo kwezi, haza umuntu acitse avuye i Yerusalemu, aranshikīra, at’ Igisagara caratsinzwe.


Kandi wiyabīrire umubehe w’ icuma, uwukike ng’ukubere uruzitiro rw’icuma hagati yawe n’ igisagara: ugishinge ijisho ngo kiziguzwe, wewe ubgawe ukiziguze. Ivyo bizoba ikimenyamenya c’inzu ya Isirayeli.


Ikigira gatatu cayo uz’ ugituririre hagati mu gisagara, igihe imisi yo gutabga hagati kwaho izoba ihereye; ikindi kigira gatatu cayo ugicagagurize inkota hirya no hino yaho; kand’ ikindi kigira gatatu cayo ukirekurire mu muyaga ng’ugishwiragize, nanje nzosokora inkota icirukane.


Maze kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, hazokwumvikana induru kw irembo ryitwa iry’ Amafi, n’umuborogo mu gice c’igisagara ca kabiri, n’ugusenyerana gukomeye kuzokwumvikana mu misozi.


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ukwisonzesha kwo mu kwezi kwa kane, n’ukwo mu kwa gatanu n’ukwo mu kw’indwi n’ukwo mu kw’icumi, kuzocikira inzu ya Yuda umunezero no guhimbarwa n’imisi mikuru y’akanyamuneza: nuko rero mukunde ukuri n’amahoro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ