Kandi ryongera kuza no ku ngoma ya Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda, gushitsa no kw iherezo ry’umwaka ugira icumi na rimwe Zedekiya mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma; rishitsa n’igihe ab’ i Yerusalemu bājanywe kw inyagano mu kwezi kwa gatanu.
Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho mu mwaka ugira icumi Zedekiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni wo wagira icumi n’umunani Nebukadineza ari ku ngoma.
Maze mu mwaka ugira icumi na kabiri uhereye aho twambukaniwe tur’ inyagano, mu kwezi kw’ icumi, ku musi ugira gatanu w’ ukwo kwezi, haza umuntu acitse avuye i Yerusalemu, aranshikīra, at’ Igisagara caratsinzwe.
rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ukwisonzesha kwo mu kwezi kwa kane, n’ukwo mu kwa gatanu n’ukwo mu kw’indwi n’ukwo mu kw’icumi, kuzocikira inzu ya Yuda umunezero no guhimbarwa n’imisi mikuru y’akanyamuneza: nuko rero mukunde ukuri n’amahoro.