Kuko Zedekiya umwami w’i Buyuda yari yamuboshe, ati N’iki gituma uvuga ng’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba nzotanga iki gisagara mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azohatsinda?
ati Mwami wanje nyen’ ingoma, abo bantu bakoze nabi muri vyose bagiriye Yeremiya umuvugishwa, uwo batereye mu cobo; kand’ ari mu gupfira aho hantu ari, kubg’ inzara; kukw ata mutsima ugisigaye mu gisagara.