Yeremiya 38:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)7 Maze Ebedumeleki, Umunyetiyopiya w’inkone, yasukūra mu ngoro y’ umwami, yumva ko bashize Yeremiya mur’ ico cobo; ico gihe umwami yar’ avyagiye ku kirimba citwa ica Benyamini. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Igihugu cose kizohinduka ikiyaya, uhereye i Geba ugashitsa i Rimoni ahahera i bumanuko bg’ i Yerusalemu: kandi Yerusalemu hazoshirwa hejuru habe aho hāhoze, uhereye kw irembo ry’igisagara ryitwa irya Benyamini, ugashitsa ah’ irembo rya mbere ryāhoze, ugashitsa no kw irembo ryo ku nkokora, kand’ uhereye ku munara w’amabuye wa Hananeli ugashitsa ku māto yimbge hasi baganiramwo vino z’i bgami.