Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 38:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Maze bafata Yeremiya, bamushira mu cobo cimbiwe kubīka amazi ca Malakiya umwana w’ umwami, cari mu rugo rw’ibohero: bamwururukirizayo n’imigozi. Mur’ ico cobo nta mazi yarimwo, atar’ ikivurugu c’ivyondo: kandi Yeremiya adibira muri nya vyondo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 38:6
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

baramukwega, bamuterera muri rwa rwobo rwimbiwe kubikamw’ amazi; ariko rwari gusa, nta mazi yarimwo.


Ku neza nabagiriye banyishuye inabi, Ku rukundo banyishuye urwanko.


Kand’ ankūra mu rwobo rw’ amahonero no mw ishayo y’ivyondo, Ashira ibirenge vyanje ku rutare, ashigikira intambuko zanje.


Ndadobeye mw ishayo imira, idafise aho gushinga ikirenge: Nshitse mu mazi amira, ah’ umukuba undengera.


Maz’ ico gihe ingabo z’uwo mwami w’i Babuloni zari zugarije i Yerusalemu: kand’ uwavugishwa n’ Imana Yeremiya yari yabohewe mu rugo rw’ibohero rwari rubangikanye n’ingoro y’umwami w’i Buyuda.


Maz’ umwami abarira Yerameyeli umwana w’umwami na Seraya mwene Aziriyeli, na Shelemiya mwene Abudeli ngo bafate Baruki umukarani n’uwavugishwa n’Imana Yeremiya: arik’ Uhoraho arabahisha.


Nuko Yeremiya amaze gushika mw ibohero, mu kazu ko mu kuzimu, ahamaze imisi myinshi,


Nuk’ umwami Zedekiya aravuga, bashira Yeremiya mu rugo rw’ibohero, bamugaburira umutsima uko bukeye, bawuguriye ku nzira y’abacumvyi, gushitsa ah’ imitsima yose yahebūriwe mu gisagara. Nuko Yeremiya aguma ngaho mu rugo rw’ibohero.


Nuko bakwegesha Yeremiya imigozi, bamukūra mur’ ico cobo; Yeremiya aguma mu rugo rw’ibohero.


ati Rāba abagore bose basigaye mu rugo rw’umwami w’i Buyuda, bazokūrwayo bahabge abaganwa b’umwami w’i Babuloni, kand’ abo bagore bazovuga, bat’ Abakunzi bawe pfampfe bāraguhenze, uja na rwo: arikw ibirenge vyawe bimaze gushaya mu kivurugu c’ivyondo, barakimirana.


Nuk’ umwami apfa kubigera, bazana Daniyeli, bamuterera mu rwobo rw’intambge. Maz’ umwami abgira Daniyeli, at’ Imana yawe wama ukorera iragukiza.


Kandi nawe, kubg’ amaraso yashinze isezerano rya twe nawe, nanje nkubohoreye imbohe, ndazikūra mu rwobo rutagira amazi.


Na we abariwe artyo abashira mu nzu yo hagati, arobeza amaguru yabo mu mpatane z’ibiti.


Kuko mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivy’ Imana igomba mubone guhabga ivyasezeranywe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ