Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 38:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maz’ abaganwa babgira umwami, bat’ Uyu muntu akwiye gupfa: kukw adendebura amaboko y’abahizi bagisigaye mur’ iki gisagara n’ay’ abantu bose, ababarira amajambo asa artyo: kuk’ uyu mugabo atifuriza amahoro ubu bgoko, atar’ ivyago.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 38:4
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Ahabu abarira Eliya, at’ Urandonse akabero, wa mwansi wanje! Na we ati Ndakuronse akabero koko, kuko witanze gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.


Bamugīra inama, bamwicisha amabuye bivuye ku cagezwe c’umwami, bamutsinda mu nyubakwa yo ku ngoro y’Uhoraho.


Urazirikanye, Abayuda bāvuye iyo, bakaza bakadusanga i Yerusalemu, ubu bariko barasubira kwubaka ico gisagara kibi c’ikigarariji; bariko baruzuza uruzitiro, basana n’ amatanguriro.


Kuko bose bāgomba kudutera ubgoba, bati Bazohava bacika intege, igikorwa gihere aho. Ariko none Mana, undemeshe.


Umwami wa Egiputa arababaza, ati Mbega Mose na Aroni, n’iki gitumye mutesha abo bantu ibikorwa vyabo? Ni mugende musubire ku bikebere vyanyu!


None rero, uku ni k’Uhoraho agize ku vy’abagabo bo muri Anatoti barondera kukwica, bati Ntuz’ ugire ico uvuga mw izina ry’Uhoraho, twoye kuzokwica:


Yamara wewe, Uhoraho, urazi imihigo bampigiye yose yo kunyica; ntuharire igicumuro cabo, ntusibanganye icaha cabo ngo kive mu nyonga zawe: ariko batsindwe imbere yawe; abe ari k’ubagirira mu gihe c’uburake bgawe.


Maz’ abaherezi na ba kamenyi babarira abaganwa n’abantu bose, bat’ Uyu muntu akwiye gupfa; kukw ataze ibibi kur’ iki gisagara, nk’uko mwiyumviye n’amatwi yanyu.


Mwifurize amahoro igisagara, ico natumye mwambukanirwamwo, mugisengere Uhoraho: kuko kibaye amahoro namwe muzoba amahoro.


Nuk’ umwami Zedekiya arahirira Yeremiya mu mpisho, ati Nk’uk’ Uhoraho ahoraho, ari we yandemeye uyu mutima, sinkwica, kandi singutanga mu maboko y’abo bantu barondera kukwica.


Arikw abaganwa ni baramuka bumvise ko twavuganye, bakaza bakakubarira, bati Twīgānire ivyo wabariye umwami, ntuduhishe, natwe ntitukwica, bati Tubgire n’ivyo umwami yakwishuye:


ariko Baruki mwene Neriya ni we akuduteranijeko, kugira ngo dutangwe mu maboko y’Abakaludaya, ngo batwice, canke batujane i Babuloni tur’ inyagano.


Abaganwa baho bameze nk’amabingira atabagura ico ahīze; bavisha amaraso, bagahonnya abantu, ngo bironkere inyungu.


Maze Amaziya umuherezi w’i Beteli atuma kuri Yerobowamu umwami w’Abisirayeli, uti Amosi yagutereye abantu umugararizo mu b’inzu ya Isirayeli: igihugu nta ho cotorana itiro amagambo yiwe n’ukw angana.


Batangura kumwagiriza, bat’ Uyu twamubonye agomesha ubgoko bgacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, yivuga ngo ni Kristo, Umwami.


babashīra abacamanza, bat’ Aba bantu bahagarika imitima y’abo mu gisagara cacu, kand’ ar’ Abayuda;


Bababuze, bakwegera Yasona na bene Data bamwe imbere y’abaganza igisagara, barasemerera, bat’ Abāteye isi yose umugūmūko bashitse n’ino,


Twabonye uyu muntu ar’ ikīza, atera umugararizo Abayuda bose bari mu bihugu vyose; ni we remezo ry’igice c’Abanazareti.


Ariko turagomba kwumva ivyo wiyumvira, kukw ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ