Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 38:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ng’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ūguma mur’ iki gisagara azokwicwa n’inkota n’inzara n’ ikīza: arik’ ūsokoroka muri co, akaja ku Bakaludaya, azobaho, kand’ azoba akijije amagara yiwe, abeho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 38:2
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

mut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzobakubiranya hamwe n’ibirwanishwa biri mu maboko yanyu, ivyo murwanisha umwami w’i Babuloni n’Abakaludaya babugarije, muriko murabarwanisha inyuma y’inzitiro z’iki gisagara, mbakoranirize hamwe hagati muri co.


Kandi nk’uko bata insukoni ziboze, zidashoboka kuribga kubgo kubora, ni ko nzota Zedekiya umwami w’i Buyuda, n’abaganwa biwe, n’amasigarira y’i Yerusalemu asigaye mur’ iki gihugu, n’abāgiye kuba mu gihugu ca Egiputa, ni jewe Uhoraho mbivuze;


Arikw ihanga rizogondera izosi umwami w’i Babuloni, rikamusaba, iryo nzoryemerera kuguma mu gihugu cabo bgite, ni jewe Uhoraho mbivuze; bazokirima, bakibemwo.


Mugombera iki gupfa, wewe n’abantu bawe, ngo mwicishwe inkota n’inzara n’ikīza, nk’uk’ Uhoraho yavuze kw ihanga ritazokwemera gusaba umwami w’i Babuloni?


Uku ni k’ Uhoraho agize ku vy’umwami ari ku ngoma ya Dawidi, no ku vy’ abantu bose baba mur’ iki gisagara, ni bo bene wanyu mutājanye igihe mwambukanwa;


Nzobirukanisha inkota n’inzara n’ikīza, mbatange batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo babe ibivume n’akajoreza n’ abo kuvuzwakw agahwa n’igitutsi mu mahanga yose aho nabirukaniye;


Nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Ntimwanyumviye, ngo mutange umwidegemvyo, ng’ umuntu wese arekure mwene wabo, umuntu wese arekure mugenzi we: nuko rero nanje ntanze umwidegemvyo kuri mwebge, ni jewe Uhoraho mbivuze, w’inkota n’ikīza n’inzara; kandi nzotuma mutererekanywa irya n’ino mu bihugu vy’ abami bose bo mw isi.


Kuko ntazobura kugukiza; ntuzokwicwa n’inkota, arikw amagara yawe uzoba uyakijije, kuko wanyizigiye, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ni ko bizomerera abantu bose berekeza amaso kuja muri Egiputa ngo babeyo; bazokwicwa n’inkota n’inzara n’ikīza; ngo Kandi nta n’umwe muri bo azosigara canke ngo yikize ivyago azobatēza.


None rero ni mumenye mudakekeranya yuko muzokwicirwa n’inkota n’ inzara n’ikīza, aho hantu aho mwifuza kuja kuba.


Kuko nzohana ababa mu gihugu ca Egiputa nk’uko nahannye i Yerusalemu, mbahanishe inkota n’inzara n’ikīza,


Ngo Mbega nawe wironderera ubukuru? Ntuburondere. Kuko rāba, ngw Azozana ivyago ku bafise umubiri bose, ni k’Uhoraho agize; ariko weho ngw Azoguha gukirira ah’ uzoba ugiye hose.


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega ntibizorushiriza kuba birtyo kuri Yerusalemu, igihe nzoharekurira ivyo bihano bihambaye ukw ari bine, ni vyo nkota n’inzara n’ibikōko vy’inkazi n’ ikīza, kugira ngo ndaharandure abantu n’ibitungano?


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Kubita amashi ku yandi, dida ikirenge hasi, uvuge uti Yō! Ewe bizira bibi vyose inzu ya Isirayeli yakoze! Kuko bazoririkwa n’inkota n’inzara n’ikīza.


Inyuma har’ inkota, imbere har’ ikīza n’inzara: ūzoba ari ku musozi azokwicishwa inkota; ūzoba ari mu gisagara inzara n’ikīza bizomuyongobeza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ