Maze Yehoyakina umwami w’i Buyuda ava mu gisagara, bo na nyina n’ abantu biwe n’abo mu nda y’ ingoma n’abamenyekana biwe, aja kwisaba uwo mwami w’i Babuloni, na we aramufata; ico gihe umwami w’i Babuloni yar’ amaze imyaka munani ari ku ngoma.
Hatsinzwe, abaganwa bose b’umwami w’i Babuloni baraza basagaza mu kirimba co hagati, ni bo aba: Nerugali‐sharezeri, na Samugari‐nebo, na Sarusekimu, na Rabu‐sarisi, na Nerugali‐sharezeri, na Rabu‐magu, bo n’abandi baganwa bose b’umwami w’i Babuloni.