Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 38:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Nuk’ umwami Zedekiya arahirira Yeremiya mu mpisho, ati Nk’uk’ Uhoraho ahoraho, ari we yandemeye uyu mutima, sinkwica, kandi singutanga mu maboko y’abo bantu barondera kukwica.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 38:16
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

umukungugu ugasubira mw ivu aho wahoze, umushaha ugasubira ku Mana yawutanze.


Uku ni kw Imana Uhoraho agize, uwaremye amajuru akayāgānura, uwagaranzuye isi n’ivy’ imera, uwahaye abantu bo muri yo guhumeka, kand’ abayigendako akabaha ubugingo:


Kuko ntotongana ibihe vyose, kandi sinokwama ndatse: kukw imitima n’ubugingo naremye vyodendebukirirwa imbere yanje.


nzobatanga mu maboko y’abansi babo, no mu maboko y’ababahiga ngo babice, kand’ imivyimba yabo izoba inyama z’ibisīga vyo mu kirēre n’iz’ ibikōko vyo kw isi.


umwami Zedekiya atuma kumuzana; nuk’ umwami amubariza mu mpisho mu ngoro yiwe, ati Mbega nta jambo ryoba rivuye k’Uhoraho? Yeremiya ati Ririho; at’ Uzotangwa mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni.


Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku Bisirayeli. Uku ni k’Uhoraho agize, uwāgānuye amajuru agashirah’ itanguriro ry’isi, akarema impwemu yo mu muntu,


Baca barapfukama barūnama, bati Mana, yewe Mana y’impwemu z’abari n’umubiri bose, umuntu umwe akoze icaha, mbega woca urakira ishengero ryose?


at’ Uhoraho, Mana y’impwemu z’ abari n’umubiri bose, n’utoranye umuntu wo kuganza iri shengero,


uwo aza kuri we mw ijoro, aramubgira, ati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’ Imana iri kumwe na we.


kandi ntikorerwa n’amaboko y’abantu, nk’ūri n’ic’ akennye: kukw ari yo yahaye bose ubugingo, no guhumeka, n’ibindi vyose.


Kuko muri yo ari ho tubeshejweho, tugenda, turi n’ubugingo; nk’uko na bamwe bo mu bigeneye indirimbo banyu bāvuze, bati Kuko natwe, tur’ uruvyaro rwayo.


Kandi twari dufise ba data b’imibiri, bāradukāngīra, natwe tukabubaha: none ntituzorushiriza cane kugororokera Se w’impwemu tugahoraho?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ