Farawo aca ahamagaza Mose na Aroni, arababgira, ati Ni munyingingire Uhoraho, ankize ibi bikere, abikūre no mu bantu banje, nanje mpeze ndekure abantu biwe bagende, baje gushikanira Uhoraho ibimazi.
ababgira ikigegene, bati Ni wewe data; bakabgira ibuye, bati Ni wewe wamvyaye: kuko banteye ibitugu, ntibabe bakinshirakw amaso; ariko mu gihe c’ivyago vyabo bazotakamba, bati Haguruka udukize.
Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, ku vya Ahabu mwene Kolaya no ku vya Zedekiya mwene Mayaseya, babaragurira ibinyoma mw izina ryanje, nt’ Ehe nzobatanga mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, na we azobicira imbere y’ amaso yanyu;
ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ko warungitse ivyete mw izina ryawe, ukabirungikira ababa i Yerusalemu bose, na Zefaniya mwene Mayaseya umuherezi, n’abaherezi bose,
umwami Zedekiya atuma kumuzana; nuk’ umwami amubariza mu mpisho mu ngoro yiwe, ati Mbega nta jambo ryoba rivuye k’Uhoraho? Yeremiya ati Ririho; at’ Uzotangwa mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni.
rit’ Uku ni k’ Uhoraho agize, ni we Mana y’ Abisirayeli, at’ Uku abe ari ko mubarira umwami w’i Buyuda yabantumyeko kunsiguza, muti Rāba ingabo za Farawo zije kubatabara zizosubira muri Egiputa mu gihugu cabo.