Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 37:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maz’ umwami Zedekiya atuma Yehukali mwene Shelemiya na Zefaniya mwene Mayaseya umuherezi kuri Yeremiya uwavugishwa n’Imana, ati N’udusengere k’Uhoraho Imana yacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 37:3
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami abarira uwo muntu w’ Imana, at’ Inginga Uhoraho Imana yawe ampangaze, unsabire, ukuboko kwanje gukire. Nuk’ uwo muntu w’Imana yinginga Uhoraho, ukuboko kw’umwami kurakira, gusubira kumera uko kwahora.


None rero ndakwinginze, icaha canje ukimparire iri rimwe gusa, munyingingire Uhoraho Imana yanyu, ankūrek’ uru rupfu iri rimwe gusa.


Farawo aramwishura, ati Ndabaretse mugende, kugira ngo mushikanire Uhoraho Imana yanyu ibimazi mu bugaragwa: mugabo ntimuje kure cane; kandi munsabire.


Farawo aca ahamagaza Mose na Aroni, arababgira, ati Ni munyingingire Uhoraho, ankize ibi bikere, abikūre no mu bantu banje, nanje mpeze ndekure abantu biwe bagende, baje gushikanira Uhoraho ibimazi.


Munyingingire Uhoraho, kukw iyi mituragaro iteye ubgoba n’uru rubura bimpotoye; nanje ndabarekura, mugende, ntimuzokwongera kugumizwa ino.


Uhoraho arambarira, ati N’ukuri nzogukomeza umere neza; n’ukuri nzotuma abansi bagukomera ibōbo mu gihe c’ivyago no mu gihe c’amagorwa.


ababgira ikigegene, bati Ni wewe data; bakabgira ibuye, bati Ni wewe wamvyaye: kuko banteye ibitugu, ntibabe bakinshirakw amaso; ariko mu gihe c’ivyago vyabo bazotakamba, bati Haguruka udukize.


Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, ku vya Ahabu mwene Kolaya no ku vya Zedekiya mwene Mayaseya, babaragurira ibinyoma mw izina ryanje, nt’ Ehe nzobatanga mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, na we azobicira imbere y’ amaso yanyu;


ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ko warungitse ivyete mw izina ryawe, ukabirungikira ababa i Yerusalemu bose, na Zefaniya mwene Mayaseya umuherezi, n’abaherezi bose,


umwami Zedekiya atuma kumuzana; nuk’ umwami amubariza mu mpisho mu ngoro yiwe, ati Mbega nta jambo ryoba rivuye k’Uhoraho? Yeremiya ati Ririho; at’ Uzotangwa mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni.


rit’ Uku ni k’ Uhoraho agize, ni we Mana y’ Abisirayeli, at’ Uku abe ari ko mubarira umwami w’i Buyuda yabantumyeko kunsiguza, muti Rāba ingabo za Farawo zije kubatabara zizosubira muri Egiputa mu gihugu cabo.


Shefatiya mwene Matani, na Gedaliya mwene Pashuri, na Yukali mwene Shelemiya, na Pashuri mwene Malakiya, bumva amajambo Yeremiya abarira abantu bose,


Maz’ abagabisha b’ingabo bose, na Yohanani mwene Kareya, na Yezaniya mwene Hoshaya, n’abantu bose uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye,


Erega mwāhenze imitima yanyu ubganyu, kuko mwantumye k’Uhoraho Imana yanyu, ngo Ni mbasengere k’Uhoraho Imana yanyu, ngw Ivyo Uhoraho Imana yanyu azovuga vyose ngo Ndabibabarire, ngo Namwe muzobikora:


Nuko wa mukuru w’abashibamyi afata Seraya umuherezi mukuru, na Zefaniya umuherezi wa kabiri, n’abashibama ku rugi ukw ari batatu:


Abantu baza kuri Mose, bati Twakoze icaha, kuko twatonganije Uhoraho nawe; udusabire k’Uhoraho, adukūremw’ izi nzoka. Nuko Mose arabasabira.


Simoni aramwishura, ati Munsengere Umwami Imana, ivyo muvuze hoye kugira ikimbako.


Nukw abantu bose babarira Samweli, bati Dusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge abasavyi bawe, twoye gupfa, kuko twageretse ku vyaha vyacu vyose iki caha co kwisabira umwami.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ