Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 32:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nuko ngura na Hanameli mwene wacu iyo shamvu iri Anatoti, ndamugerera ifeza ku munzane, ziba shekeli cumi n’indwi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 32:9
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw izo ngamiya zimaze guhodoka, uwo mugabo yābīra impeta y’izahabu, kuriba kwayo kwar’ igihimba ca shekeli, n’ivyo kumwambika ku maboko bibiri vy’ izahabu, kuriba kwavyo kwari shekeli cumi;


Hahita Abamidiyani b’abadandaza; bakwega Yosefu, bamukūra muri rwa rwobo, bamugura na ba Bishimayeli amahera y’ifeza mirongwibiri. Bashōra Yosefu muri Egiputa.


Maz’ umwami ahaciye, aramutakambira, ati Jewe umusavyi wawe nari nagiye mu ntambara; ngize ntya mpūra n’umugabo afashe umuntu, aramunshikiriza ngo ndamurinde; ngo Na ho ni yacika, ngo Ni jewe nzosubira mu gishingo ciwe, ngo Canke nze ntange italanto imwe y’ifeza.


Arikw abanyitangiye imbere mu gutwarira umwami, bāraruhije abantu, kuko bāgenda babatoza ivyo kurya na vino, hamwe na shekeli z’ifeza mirongwine; mbere n’abasavyi babo bagatwaza abantu amanyama. Ariko jewe sinigeze ngenza ntyo, kuko nubaha Imana.


Nuko mwami, ni wavyemera, hoshingwa iteka, bakaryandika ngo barandurwe; nanje nzotanga italanto z’ifeza ibihumbi cumi, ndazihe abajejwe itunga ryawe, bazishire mu bubīko bgawe, mwami.


Arikw inka ni yica umugurano cank’ umuguranokazi, nyene yo az’ arihe shebuja w’uno shekeli z’ifeza mirongwitatu, iyo nka na yo ize yicishwe amabuye.


N’iki gituma mutanga amahera kugura ibitar’ ivyo kurya nyakuri? N’iki gituma mukorera ibidahāza? Mugire umwete wo kunyumvira, ni ho muzorya ivyiza, ubugingo bganyu bunezererwe ibishashagira.


Kand’ ivyo kurya vyawe uze wame ubirya ku rugero, ari rwo shekeli mirongwibiri mu musi mu musi: uzokwama urya rimwe ku musi.


Nuko ndamutangakw intete z’ifeza cumi na zitanu, n’ingero yitwa homeru ya sayiri imwe n’igice.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ