Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 32:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nuko Hanameli mwene wacu aza kuri jewe aho ndi mu rugo rw’ibohero, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arambarira, ati Ndakwinginze, gura ishamvu yanje iri Anatoti, ho mu ntāra ya Benyamini: kuko na kare yar’ iyawe, kandi ni wewe wo kuyicungura: non’ uyigurire. Ni ho naciye mmenya yukw iryo jambo ar’ iry’ Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 32:8
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami abarira Abiyatari umuherezi, ati Hoji genda, subira i Anatoti mw ishamvu yawe; war’ ukwiye gupfa, arik’ ubu sinkwica, kuko wagenda ureruye isandugu y’Uhoraho Imana imbere ya data Dawidi, kandi kuko wababarana na we mu vyamubabaje vyose.


Mikaya aramwishura, at’ Uzoba urabimenya ku musi uzokwitera haruguru mu mpete winyegeza.


kandi ku bisagara vy’umuryango w’Ababenyamini batanga Geba n’i Alemeti n’i Anatoti, bo n’amaragiro bigendanye. Ibisagara vyabo vyose na vyose, guhetūra amazu yabo, vyar’ icumi na bitatu.


Amajambo ya Yeremiya mwene Hilukiya, wo mu baherezi bāba muri Anatoti mu ntāra ya Benyamini.


Maz’ ico gihe ingabo z’uwo mwami w’i Babuloni zari zugarije i Yerusalemu: kand’ uwavugishwa n’ Imana Yeremiya yari yabohewe mu rugo rw’ibohero rwari rubangikanye n’ingoro y’umwami w’i Buyuda.


Yamara Mwami Uhoraho, wambariye ngo nigurire itongo amahera, ngo ni mpamagare ivyabona, kand’ iki gisagara gitanzwe mu maboko y’ Abakaludaya!


riti Hanameli mwene so wanyu Shalumu, agira aze kuri wewe, akubgire, ati Ni wigurire ishamvu yanje iri Anatoti: kukw ari wewe wo kuyicungura.


Ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza kuri Yeremiya ubugira kabiri, acugaraniwe mu rugo rw’ibohero,


Yeremiya asokoroka i Yerusalemu ngw aje mu ntāra ya Benyamini, gushikiririzway’ umugabane wiwe hagati mu bantu.


Nuko ndabigenza nk’uko nabariwe: ibintu vyanje ndabisohora ku murango, ari nk’ibintu vyo ku nzira, maze mpenga mu kagoroba, ubganje nyene ndimba n’ amaboko yanje, ntobora uruzitiro; mbihacana bumaze kwira, mbishira ku rutugu babona.


Uwo musi iravunika; maz’ intama z’imyaku zanyumvira zica zimenya yukw iryo jambo ar’ iry’ Uhoraho.


Maze se aca amenya ko hāri muri nya saha nyene Yesu yamubgiriyemwo, at’ Umwana wawe ni muzima. Arizera ubgiwe n’abo mu rugo rwiwe bose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ