5 uti Kand’ azoshumika Zedekiya amujane i Babuloni, ngw Azobayo gushitsa aho nzomugendera, ngo Ni k’Uhoraho agize; ngo Naho mworwanya Abakaludaya ntimuzotsinda?
Kand’ ehe rāba, Imana iri kumwe natwe itugiye imbere, kandi n’abaherezi bayo bafise inzumbete z’intabaza, biteguye kuzivuza ngo turwane namwe. Yemwe Bisirayeli, ntimurwanye Uhoraho Imana ya ba sogokuruza, kuko mutazotsinda.
Maze Mpwemu w’Imana aza kuri Zekariya mwene Yehoyada umuherezi; ahagarara ahataramutse imbere y’abantu, arababarira, at’ Uku ni k’Uhoraho Imana agize, ngo N’iki kibateye gucumura ku vyagezwe vyiwe, bikababuza kuroranirwa? Ko mwahevye Uhoraho na we arabahevye.
Ubgenge cank’ ukumenya Cank’ inama, biba ar’ ubusa imbere y’Uhoraho.
Na ho nyene uzovayo witwaye impungenge; jewe Uhoraho ko nagaye abo wishimiye, nta co bazokumarira.
ati Bizojanwa i Babuloni, bibeyo, gushitsa umusi azobagendera, akabidūgana, akabisubiza aha hantu; ni k’Uhoraho agize.
Eh’ ibirundo barundiye kwūririrako ngo baneshe igisagara birashitse: igisagara gitanzwe mu maboko y’Abakaludaya bagiteye, kubg’ inkota n’inzara n’ikīza. Ivyo wavuze birashitse, nawe urik’ uravyibonera.
Yeremiya aravuga, at’ Ijambo ry’Uhoraho ryanjeko,
ni bo Bakaludaya bazokwuzuza ayo mazu imivyimba y’abantu nicishije uburake bganje n’ubushangashirwe bganje, kuko bātumye mpisha mu nyonga hanje iki gisagara kubg’ ivyaha vyabo vyose;
Kuko naho mwotikiza ingabo zose z’Abakaludaya babarwanya, hagasigaramw’ abakomeretse basa, na ho nyene bova hasi, umuntu wese aho yar’ ari mw ihema ryiwe, bagatongoza iki gisagara umuriro.
Maze Zedekiya umwami w’i Buyuda n’ingabo zose bababonye, barahunga, bahenga mw ijoro bava mu gisagara, baciye mu ndimiro y’umwami no mu kirimba kiri hagati y’inzitiro zibiri: umwami ajana inzira ica mu kiyaya Araba.
Maz’ ingabo z’Abakaludaya zibōma inyuma, zihambiriza Zedekiya mu kiyaya c’i Yeriko: bamaze kumufata, baramudūgana, bamuzanira Nebukadineza umwami w’i Babuloni bamumusanza i Ribula mu ntāra y’i Hamati: amucirakw iteka.
Ikigeretseko anogora amaso Zedekiya, amwambika umunyororo kugira ngo bamujane i Babuloni.
Ukuboko kwiwe kwamboheyekw ingōgo y’ibicumuro vyanje; Vyarasobekeranye, binshika mw izosi; yacobogoje inkomezi zanje: Umwami Imana yangabuye mu maboko y’abo ntashoboye kurindana na bo.
Kandi segaba ari muri bo azokwikorera ku rutugu mw ijoro, asohoke: bazokwimba batobore uruzitiro ngo bahacane ibintu; na we azokwitwikira mu maso, ngo ntaz’ abone igihugu.
Kandi nzomutega ururiba rwanje, afatwe n’umutego wanje; nzomujana i Babuloni mu gihugu c’Abakaludaya; kandi ntazohabona nah’ ari ho azogwa.
Yamar’ aramugarariza, atuma intumwa ziwe muri Egiputa, gusaba ngo bamuhe amafarasi n’ingabo nyinshi. Mbeg’ ūkora ibisa birtyo azororanirwa, canke se arokoke? Yokwica isezerano kand’ akarokoka?
Mose arababaza, ati None n’iki kibatera gucumura ku cagezwe c’Uhoraho? Ereg’ ico mukora ntikija kugenda neza.