Kandi hanyuma y’ivyo, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzogabura Zedekiya umwami w’Abayuda, n’ abasavyi biwe, n’abantu bazoba bagisigaye mur’ iki gisagara, batishwe n’ikīza n’inkota n’inzara, mbashire mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, no mu maboko y’abansi babo, no mu maboko y’abarondera kubica: azobicisha ubugi bg’inkota; ntazobagirira impuhwe cank’ akagongwe cank’ imbabazi.