Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 32:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kuko Zedekiya umwami w’i Buyuda yari yamuboshe, ati N’iki gituma uvuga ng’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba nzotanga iki gisagara mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azohatsinda?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 32:3
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ uwo mwami Ahazi nyene, igihe aburaniwe arushiriza kuja imbere gucumura k’ Uhoraho,


Umwami wa Egiputa arababaza, ati Mbega Mose na Aroni, n’iki gitumye mutesha abo bantu ibikorwa vyabo? Ni mugende musubire ku bikebere vyanyu!


Nakubise abo mu gihugu canyu, ariko nigoreye ubusa; banse guhaha; inkota zanyu ubganyu zāriritse ba kamenyi banyu nk’intambge itikiza.


Maze Yeremiya arabishura, at’ Uku abe ari ko mubarira Zedekiya:


Maz’ ihanga ryose cank’ igihugu c’ umwami wese, ni habah’ abatemera gusaba Nebukadineza, uyo mwami w’i Babuloni, canke ngo bemere kugondera izosi ingōgo yiwe, iryo hanga nzorihana, ni k’ Uhoraho agize, ndarihanishe inkota n’inzara n’ikīza, gushitsa aho nzoba mperaheje kubaranduza ukuboko kwiwe.


Kandi Zedekiya umwami w’i Buyuda n’abaganwa biwe nzobatanga mu maboko y’abansi babo, no mu maboko y’ababahīga ngo babice, no mu maboko y’ingabo z’umwami w’i Babuloni zari zabaretse zikabavako.


Kandi ku vya Yehoyakimu umwami w’i Buyuda uvuge, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Waturiye uwo muzingo, uvuga ngo N’iki kiwukwandikishije ut’ Umwami w’i Babuloni ntazobura kuza ngw ahonnye iki gihugu, akimaremw’ abantu n’ibitungwa?


Kandi Yeremiya yar’ acigendagendera mu bandi bantu, kuko bataribgamushire mw ibohero.


Ariko n’utemera kwīsaba abaganwa b’umwami w’i Babuloni, iki gisagara kizotangwa mu maboko y’Abakaludaya, kandi bazogitongoza umuriro, nawe ntuzokwikiza ng’ uve mu maboko yabo.


At’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Iki gisagara ntikizobura gutangwa mu maboko y’ ingabo z’umwami w’i Babuloni, na we azogitsinda.


Maz’ abaganwa babgira umwami, bat’ Uyu muntu akwiye gupfa: kukw adendebura amaboko y’abahizi bagisigaye mur’ iki gisagara n’ay’ abantu bose, ababarira amajambo asa artyo: kuk’ uyu mugabo atifuriza amahoro ubu bgoko, atar’ ivyago.


Ebedumeleki asohoka mu ngoro i bgami, abarira umwami,


Mbeg’ Uhoraho, inyonga zawe ntizitegereza ivy’ ukuri? Warabakubise, ntibābibabara; warabatūbije, banka guhaha: bākomantaje mu maso habo gusumvya ibuye; banse kugaruka.


Ukuboko kwiwe kwamboheyekw ingōgo y’ibicumuro vyanje; Vyarasobekeranye, binshika mw izosi; yacobogoje inkomezi zanje: Umwami Imana yangabuye mu maboko y’abo ntashoboye kurindana na bo.


ariko ntusubire kuvugishirizwa i Beteli ukundi, kukw ari ho har’ ikigabiro c’umwami, bo n’ihorezo ry’igihugu.


baramubaza, bati Tubgire, n’ububasha ki bugutera gukora ivyo, canke ni nde yaguhaye ubgo bubasha?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ