Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 32:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Maz’ ico gihe ingabo z’uwo mwami w’i Babuloni zari zugarije i Yerusalemu: kand’ uwavugishwa n’ Imana Yeremiya yari yabohewe mu rugo rw’ibohero rwari rubangikanye n’ingoro y’umwami w’i Buyuda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 32:2
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mu mwaka ugira icenda Zedekiya ari ku ngoma, mu kwezi kw’icumi, ku musi wakwo ugira icumi nyene, Nebukadineza umwami w’i Babuloni araza, bo n’ingabo ziwe zose, batera Yerusalemu, basagaza inyuma yaho; bubaka n’ibihome vyo kuhatera hirya no hino.


Akurikirwa na Palali mwene Uzayi, asana aharābana n’ahihese, ahahera ku munara wometswe ku ngoro y’umwami yo haruguru, ahahereranye n’urugo rw’abateramyi. Na we akurikirwa na Pedaya mwene Paroshi,


Washize kure yanje abo tuzinanyi; Wangize uwo kwankwa urunuka kuri bo: Ndugaranywe, sinshobora gusohoka.


Kuko Zedekiya umwami w’i Buyuda yari yamuboshe, ati N’iki gituma uvuga ng’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba nzotanga iki gisagara mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azohatsinda?


Nuko Hanameli mwene wacu aza kuri jewe aho ndi mu rugo rw’ibohero, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arambarira, ati Ndakwinginze, gura ishamvu yanje iri Anatoti, ho mu ntāra ya Benyamini: kuko na kare yar’ iyawe, kandi ni wewe wo kuyicungura: non’ uyigurire. Ni ho naciye mmenya yukw iryo jambo ar’ iry’ Uhoraho.


Ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza kuri Yeremiya ubugira kabiri, acugaraniwe mu rugo rw’ibohero,


Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, igihe Nebukadineza umwami w’i Babuloni n’ingabo ziwe zose n’abami bo mw isi yose yaganzwa na we, n’ amahanga yose, bāriko bararwana n’i Yerusalemu n’ibisagara vyaho vyose,


Nuko Yeremiya abarira Baruki, ati Jewe ndabujijwe kuja mu ngoro y’ Uhoraho:


Abaganwa bashavurira Yeremiya, baramukubita, bamushira mw ibohero mu nzu ya Yonatani umukarani, kuko bāri bayigize ibohero.


Nuk’ umwami Zedekiya aravuga, bashira Yeremiya mu rugo rw’ibohero, bamugaburira umutsima uko bukeye, bawuguriye ku nzira y’abacumvyi, gushitsa ah’ imitsima yose yahebūriwe mu gisagara. Nuko Yeremiya aguma ngaho mu rugo rw’ibohero.


Kandi Yeremiya yar’ acigendagendera mu bandi bantu, kuko bataribgamushire mw ibohero.


Nuko bakwegesha Yeremiya imigozi, bamukūra mur’ ico cobo; Yeremiya aguma mu rugo rw’ibohero.


Maze bafata Yeremiya, bamushira mu cobo cimbiwe kubīka amazi ca Malakiya umwana w’ umwami, cari mu rugo rw’ibohero: bamwururukirizayo n’imigozi. Mur’ ico cobo nta mazi yarimwo, atar’ ikivurugu c’ivyondo: kandi Yeremiya adibira muri nya vyondo.


Munezerwe, muhimbarwe, kukw impēra zanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko bāhama abāvugishwa n’Imana ba mbere.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ