Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 30:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kukw imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzotuma abantu banje b’Abisirayeli n’Abayuda bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzotuma bagaruka mu gihugu nahaye ba sekuruza, baciganzire.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 30:3
45 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ ukwezi kugira indwi kubonetse, kand’ Abisirayeli bamaze kwibera mu bisagara vyabo, abantu bakoranira i Yerusalemu icarimwe.


Ariko benshi mu baherezi n’Abalewi n’abakuru b’ amazu ya ba sekuruza, mber’ abatāma bose bari barabonye ingoro ya mbere, babonye itanguriro ry’iya kabiri rishinzwe imbere yabo, bararira cane baraboroga; arikw abandi benshi bavuza urwamo rw’akanyamuneza;


Nuko mu mwaka ugira kabiri uhereye aho bashikiye ku kibanza c’ingoro y’Imana i Yerusalemu, mu kwezi kwa kabiri, ni ho Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki batanguriye gukora, bafatanije n’abandi bagenzi babo b’abaherezi n’ Abalewi, n’abavuye mu kinyago bose bakaza i Yerusalemu; bashirah’ Abalewi, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, kugira ngo bahagarikire igikorwa c’ingoro y’Uhoraho.


Uhoraho, abambukanywe ar’ inyagano utugarukane, Tumere nk’imigezi y’i Negebu.


Icompa agakiza k’Abisirayeli kakaba kaje kava i Siyoni! Imana ni yasubizay’ abantu bayo bājanywe ar’ inyagano, Ni ho aba Yakobo bazovuza impundu, Abisirayeli bakanezerwa.


ariko bazorahira uguhoraho kwanje jewe Uhoraho ko nakūye Abisirayeli mu gihugu c’i burārūko, no mu bihugu vyose aho nzoba narabirukaniye: kandi nzobagarukana mu gihugu cabo nahaye ba sekuruza.


Rāba imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzonagisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi, kand’ azoganza nk’ umwami, agire ikiganza ciza, ace iziroranye n’izibereye mu gihugu.


Arikw ihanga rizogondera izosi umwami w’i Babuloni, rikamusaba, iryo nzoryemerera kuguma mu gihugu cabo bgite, ni jewe Uhoraho mbivuze; bazokirima, bakibemwo.


ati Bizojanwa i Babuloni, bibeyo, gushitsa umusi azobagendera, akabidūgana, akabisubiza aha hantu; ni k’Uhoraho agize.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Imyaka mirongwirindwi ni yarangira mur’ i Babuloni, nzobagendera, mbashitsekw ijambo ryanje ryiza, mbagarukane aha hantu.


Nanje nzobabonekera, ni jewe Uhoraho mbivuze, ntume muhindukira, muve mu kinyago, kandi nzobakoranya mbakūye mu mahanga yose n’ahantu hose aho nabirukaniye, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzobagarukana ahantu nabakūye igihe nabambukanisha.


Mur’ iyo misi ab’ inzu ya Yuda bazogendana n’ab’ inzu ya Isirayeli, bazanane bava mu gihugu c’i burārūko, baza mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu k’umwandu.


None rero ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni k’Uhoraho agize; nturanduke umutima, ewe Isirayeli: kuko rāba nzogukiza ngukūre kure, uruvyaro rwawe ndarukūre mu gihugu rwajanywemwo ar’ inyagano; Yakobo azogaruka, kand’ azoba amahoro ata nkomanzi, kandi nta wuzomutera ubgoba.


Uku ni ko ndabivuze, jewe Uhoraho, nti Rāba nzotuma abo mu mahema ya Yakobo bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ngirire ikigongwe amazu yabo; kand’ igisagara kizokwubakwa mu bitongozi vyaho, n’ ingoro isubire kumera nk’uko yahora.


Aya ni yo majambo Uhoraho yavuze ku Bisirayeli n’Abayuda:


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Buza ijwi ryawe ryoye kurira, n’amaso yawe yoye gukorora amosozi, kukw ibikorwa vyawe bizokwishurwa, ni k’Uhoraho agize; kandi bazosubira kugaruka bavuye mu gihugu c’abansi.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Bazosubira ukundi gusha kuvugira aya majambo mu gihugu c’i Buyuda no mu bisagara vyaho, ni nasubira kubagarukana mbakūye mu kinyago, bat’ Uhoraho n’aguhezagire, wewe i wabo w’ubugororotsi, wewe musozi wera.


Eh’ imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzobiba imbibe, ni yo nzu ya Isirayeli n’inzu ya Yuda, ndayibibemw’ imbuto, ari zo bantu n’ibitungwa.


Eh’ imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, aho nzosezerana isezerano risha n’umuryango wa Isirayeli n’umuryango wa Yuda:


Eh’ imisi izoza, ni k’Uhoraho agize, ca gisagara kizokwubakirwa Uhoraho, uhereye ku munara wa Hananeli, ugashitsa no kw irembo ryo ku mfuruka y’uruzitiro.


nti Rāba nzobakoranya, mbakūre mu bihugu vyose aho nzoba narabirukaniye mfise ishavu n’ubushangashirwe n’ uburake bg’inkazi; kandi nzokwongera kubagarukana aha hantu, ndababesheh’ amahoro:


Abantu bazokwigurira amatongo amahera, bandike ivyete vy’uko baguze, babimatanishe ishashara bayidomemw’ ikimenyetso, bahamagare ivyabona; bizoba birtyo mu gihugu ca Benyamini, n’ahantu hahereranye n’i Yerusalemu, no mu bisagara vy’i Buyuda, no mu bisagara vyo mu mugamba waho, no mu bisagara vyo mu gihugu giciye bugufi, no mu bisagara vy’i bumanuko: kuko nzotuma bahindukira bave mu kinyago, ni jewe Uhoraho mbivuze.


nuko rero nzoca n’uruvyaro rwa Yakobo, n’urwa Dawidi umusavyi wanje, ngo noye gutora mu ruvyaro rwiwe abo kuganza uruvyaro rwa Aburahamu na Isaka na Yakobo; kuko nzotuma bahindukira bakava mu kinyago, kandi nzobagirira imbabazi.


Nuko Yeremiya yari yanditse mu gitabo ivyago vyose bizotera i Babuloni, ni vyo ayo majambo yose yanditswe avuga ivya Babuloni.


Namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, igihe nzobashitsa mu gihugu c’i Bgisirayeli, ico narahiye ba sogokuruza mmanitse ukuboko ko nzobaha.


Kandi nzozizana ndazikūye mu mahanga, ndazikoranirize hamwe ndazikūye mu bihugu, nzozizana ndazishikane mu gihugu cazo bgite; nzoziragira ku misozi y’i Bgisirayeli, i ruhande y’imigende y’amazi, n’ ahantu hose har’ abantu mu gihugu.


Kuko nzobakūra mu mahanga, mbakoranirize hamwe mbakūye mu bihugu vyose, mbajane mu gihugu canyu bgite.


Kandi namwe muzocegukira, umuntu wese aringanire n’uwundi; ari co gihugu namanitse ukuboko ndahira ba sogokuruza ko nzokibaha; ico gihugu nyene muzocegukira kibabere ishamvu.


Ehe rāba, mur’ iyo misi no mur’ ivyo bihe, aho nzosubira kugarukanira ab’i Buyuda n’ab’i Yerusalemu mbakūye mu ngoyi,


Kand’ ivyo biyaya bizoba ivy’ amasigarira y’inzu ya Yuda; ni ho bazoragira; bgije biryamire mu mazu yo muri Ashikeloni; kuk’ Uhoraho Imana yabo azobagendera, ngw agarukane abajanywe ar’ inyagano.


Ico gihe nzobacūra i muhira, mber’ ico gihe nzobakoraniriza hamwe: kuko nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa mu moko yose yo kw isi, igihe nzogarukana abanyu bajanywe ar’ inyagano muvyibonera, ni k’Uhoraho agize.


Abgira abigishwa biwe, ati Hazoza imisi muzokwifurizamwo kubona umusi umwe musa w’Umwana w’umuntu, ntimuzowubona.


Kukw imisi izokuzako, ah’ abansi bawe bazokurundira ikirundo c’ivu kigukikije, na bo ubgabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zose,


at’ Ivyo mubona ivyo, mu misi izoza ntihazosigara ibuye rigeretse ku rindi ridasamburiwe hasi.


Uhoraho Imana yanyu azotuma muhindukira, muve mu kinyago, abagirire ikigongwe, asubire kubakoraniriza hamwe, abakūye mu mahanga yose ah’ azoba yarabasābagirije.


Kand’ Uhoraho Imana yanyu azobasubiza mu gihugu car’ ishamvu ya ba sogokuruza, namwe mucegukire; kand’ azobagirira neza, abagwize gusumvya ba sogokuruza.


Kuko yavuze ibagaya, it’ Eh’ imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, Aho nzosezerana isezerano risha n’umuryango w’Abisirayeli n’umuryango wa Yuda,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ