Yeremiya 30:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Kukw imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzotuma abantu banje b’Abisirayeli n’Abayuda bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzotuma bagaruka mu gihugu nahaye ba sekuruza, baciganzire. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nuko mu mwaka ugira kabiri uhereye aho bashikiye ku kibanza c’ingoro y’Imana i Yerusalemu, mu kwezi kwa kabiri, ni ho Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki batanguriye gukora, bafatanije n’abandi bagenzi babo b’abaherezi n’ Abalewi, n’abavuye mu kinyago bose bakaza i Yerusalemu; bashirah’ Abalewi, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, kugira ngo bahagarikire igikorwa c’ingoro y’Uhoraho.
Abantu bazokwigurira amatongo amahera, bandike ivyete vy’uko baguze, babimatanishe ishashara bayidomemw’ ikimenyetso, bahamagare ivyabona; bizoba birtyo mu gihugu ca Benyamini, n’ahantu hahereranye n’i Yerusalemu, no mu bisagara vy’i Buyuda, no mu bisagara vyo mu mugamba waho, no mu bisagara vyo mu gihugu giciye bugufi, no mu bisagara vy’i bumanuko: kuko nzotuma bahindukira bave mu kinyago, ni jewe Uhoraho mbivuze.