2 rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Wandike mu gitabo amajambo yose nakubariye.
Uhoraho abarira Mose, ati Ni wandike ivyo mu gitabo, bibe icibutso; ubibarire Yosuwa, ubimwumvishe, yuko nzozimanganya ukumenyekana kw’Abamaleki, bībagirane mu bo musi y’ijuru bose.
None rero genda, uvyandike ku gisate imbere yabo, uvyandike no mu gitabo, kugira ngo mu bihe bizoza bibabere igishingantahe c’intahava.
Maz’ Uhoraho arambarira, ati Wābīre igisate kinini, ucandikeko mu nyuguti zisomeka, uti Bīhutira iminyago, bītera mw isahu.
Kandi nzoshitsa kur’ ico gihugu amajambo yanje yose y’ivyo nakigeneye, ni vyo vyanditswe mur’ iki gitabo uko bingana, ivyo navugishije Yeremiya mbigeneye amahanga yose.
Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho,
riti Subira wābīre uwundi muzingo, uwandikemw’ amajambo yose nk’aya mbere yari mu muzingo wa mbere, uwo Yehoyakimu umwami w’i Buyuda yaturiye.
Nuko Yeremiya yābīra uwundi muzingo, awuha Baruki umukarani mwene Neriya, awandikamw’ amajambo yose ayakūra mu kanwa ka Yeremiya, yari muri ca gitabo Yehoyakimu umwami w’i Buyuda yaturiye: kandi hongerwakw ayandi majambo menshi asa na yo.
Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubgenge buzogwira.
Kukw ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.
Arikw ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebge, abashikwako n’amaherezo y’ibihe.
None rero ni mwandike iyi ndirimbo, uyigishe Abisirayeli, uyibatoze, kugira ngw iyi ndirimbo imbēre icabona ku Bisirayeli kizobāgiriza.
kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe na Mpwemu Yera.
rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.
Nuko wandike ivy’ ubonye n’ibiriho n’ibizoba hanyuma y’ivyo,