Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Maz’ igihugu gica cononekara, kuko Isirayeli yabaye vyenywe mu busambanyi bgiwe, agasambana n’amabuye n’ibigegene.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 3:9
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni mwīgire hino, mwa bana b’umurozikazi, mwa ruvyaro rw’ umusambanyi n’umusambanyikazi.


Mu nguru ziba mu mwonga ni ho har’ umugabane wawe; izo nyene ni zo mugabane wawe; izo ni zo wūhiye ishikanwa ry’ibiturire, ukaziterekēra. Mbeg’ ivyo novyiyumanganya?


Ariko bose uko bangana n’ibiyingiyingi n’ibipfu; ukwigisha kw’igishushanyo guhwanye n’igiti buti.


Ariko nzobanza kubahōra ibigabitanyo vyabo n’ivyaha vyabo ibihetangabo kabiri, kuko bāndurishije igihugu canje imivyimba y’ibimazi vyabo biteye ishishi, bakuzuza ishamvu yanje bga buyobe bgabo.


ababgira ikigegene, bati Ni wewe data; bakabgira ibuye, bati Ni wewe wamvyaye: kuko banteye ibitugu, ntibabe bakinshirakw amaso; ariko mu gihe c’ivyago vyabo bazotakamba, bati Haguruka udukize.


Ushime nabashikanye mu gihugu cama kirumbuka, ngo murye ivyo cera n’ivyiza vyaco; ariko mumaze kucinjira mwāhumanije igihugu canje, muhindura umwandu wanje ikizira.


Unamurira amaso ku mpinga mu ruharabuga, witegereze: mbeg’ aho batāryamanye nawe ni hehe? Wabategeye ku mayira, nk’uk’ Umwarabo ategera mu bugaragwa; wononesheje igihugu ubusambanyi bgawe n’ivyaha vyawe.


Kandi wābiriye utugenegene twawe twiza tw’amazahabu yanje n’amafeza yanje, utwo naguhaye, utwicuriramw’ ibishushanyo vy’abagabo, maz’ usambana na vyo;


Nukw abo batwikurura ibiteye isoni vyiwe; batwara abahungu biwe n’abakobga biwe, na we ubgiwe bamwicisha inkota: nuko kuko bāmuciriyekw iteka, ahinduka akābarore mu bagore.


Uko ni ko wibukirije ubushakanyi bgo mu buto bgawe, igihe Abanyegiputa bakabakaba amabere yawe, bagakorakora ku mabere yo mu bukumi bgawe.


maze basambanira muri Egiputa; bahēreye gusambana bakir’ inkumi; aho ni ho amabere yabo yakabakabiwe, amabere yabo yo mu bukumi bakayakorakora.


Ni mwībūranire na nyoko, ni mwībūranire; kukw atar’ umugore wanje, nanje sind’ umugabo wiwe: n’akūre ubushegabo bgiwe mu maso hiwe, n’ubumaka bgiwe abukūre hagati y’amabere yiwe;


Abantu banje bagisha inama igiti gusa, kand’ inkoni yabo ni yo ibaragurira; impwemu y’ubumaka yarabajimije, bagenda ata co barenga, bātaye Imana yabo.


Ewe Uhoraho, ni wewe ntakambiye: kuk’ umuriro waturiye ubgatsi bgo mu bgeranyange, kand’ ibirimi vyawo vyaturiye ibiti vyose vyo ku misozi.


Azobona ibara, ūbgira igiti, ati Ni wikangure! akabarira n’ ibuye ry’ikiragi, ati Haguruka! Mbeg’ ivyo vyoragura? Erega vyayagirijwekw izahabu n’ifeza, arikw imbere nta mpwemu bigira na mba.


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhōye ubusambanyi, aba amusambanishije: kand’ uwābīra uwahukanye azoba asambanye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ