Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 3:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Mmaze kwirukana Isirayeli Inamusubiranyuma, no kumuha icete c’uko tuvāvānura, ku nyanduruko y’uko yasambanye, na ho nyene mbona mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi ata kōba agize: na we n’uko, aragenda yihindura maraya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 3:8
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi Yehoramu ataba ibitabo ku mpinga z’imisozi y’i Buyuda, akwegera ababa i Yerusalemu ngo bahurumbire mu bumaka, azimiza Abayuda.


Uku ni k’Uhoraho abaza, at’ Icete c’uko tuvavanuye na nyoko, ico namwirukanishije, kiri hehe? Cank’ uwo narīriye umwenda ngatanga mwebge ngo mube inyishu, ari hehe? Ereg’ ukugabitanya kwanyu ni kwo kwatumye mutangwa, kand’ ibicumuro vyanyu ni vyo vyirukanishije nyoko.


Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze.


Baravuga, bat’ Umuntu ni yirukana umugore wiwe bakavana, akābīrwa n’uwundi mugabo, mbeg’ uwo mugabo wiwe yosubira kumugarukana ukundi? Mbega n’igihugu nyene nticoba cononekaye? Nawe wīgize maraya ku būzure batari bake; non’ ugira ngo wongarukako? ni jewe Uhoraho mbibajije.


riti Mbega ntiwiyumviriye ivyo aba bantu bavuga, ngw Imiryango yompi Uhoraho yatoranije yayicīye? Uko ni ko bakēngēra abantu banje, kuko bagira ngo ntibakir’ ihanga.


Mbega noshobora nte kuguharira? Abana bawe barantaye, bīrahira izitar’ imana; mpejeje kubagaburira bagahāga, bāciye basambana, barema inteko i wabo w’abasambanyikazi.


Mukurwawe ni Samariya, aherereye i bumoso bgawe, bo n’abakobga biwe; murumunawe aherereye i buryo bgawe ni we Sodomu n’abakobga biwe.


Yamara ntiwagendeye mu ngeso zabo gusa, canke ng’ ukurikire ibizira vyabo; ariko wabifashe nk’ivyoroshe, ubarusha kwihumanya mu ngeso zawe zose.


Mbere na Samariya ntiyakoze ivyaha bingana n’ igihimba c’ivyo wakoze; ariko weho wagwije ibizira kubarusha, ibizira vyawe vyose wakoze bituma ivya bene nyoko bitanībazwako.


Bītera i we nk’abītera kwa maraya: uko ni ko bīteye kwa Ohola no kwa Oholiba, ba bashakanyikazi.


Ni co catumye ndamutanga mu maboko y’abūzure biwe, mu maboko y’Abashuri, abo yagomwa.


Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu:


Umuntu ni yarongora umugeni, hanyuma ntamushime, kuko har’ igiteye isoni yamubonyeko, amwandikire icete co kuvāvānura, akimuhe, amwirukane mu rugo rwiwe.


Kand’ uwo mugabo wa kabiri ni yamwanka, akamwandikira icete co kuvāvānura, akamwirukana mu rugo rwiwe, cank’ uwo mugabo wa kabiri yamwābiriye agapfa;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ