Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 3:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kandi ku ngoma y’umwami Yosiya, Uhoraho arambarira, ati Mbega wabonye ico Isirayeli Inamusubiranyuma yakoze? Yadūze umusozi wose muremure, akaja no musi y’igiti cose gitōtahaye, akīhindurirayo maraya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 3:6
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko bītabiye ibitabo, bagashinga n’amabuye kw inkingi, bo n’inkingi bashingiye Ashera, ku musozi muremure wose no musi y’igiti cose gitotahaye.


Yosiya yagiye ku ngoma amaze imyaka munani; ayimarakw imyaka mirongwitatu n’ umwe ar’i Yerusalemu.


Uko ni ko bandujwe n’ ibikorwa vyabo, Bagenda bahurumba nk’ ibimaka mu ngeso zabo.


Ni mwīgire hino, mwa bana b’umurozikazi, mwa ruvyaro rw’ umusambanyi n’umusambanyikazi.


Ku musozi muremure ni ho wubatse uburiri bgawe; kandi ni ho wadūga, ukaja gutanga ibimazi.


Ijambo ry’Uhoraho riza kuri we mu mwaka ugira icumi na gatatu Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma.


Bahindukiriye ibigabitanyo vya ba sekuruza bāhora banka kwumva amajambo yanje; bakurikiye izindi mana ngw abe ari zo basaba: ab’ inzu ya Isirayeli n’ab’ inzu ya Yuda bishe isezerano ryanje nasezeranye na ba sekuruza.


abana babo bibuka ibicaniro vyabo, n’ibigirwamana vyabo vya Ashera vyashinzwe i ruhande y’ibiti bitotahaye ku misozi miremire.


Mmaze kwirukana Isirayeli Inamusubiranyuma, no kumuha icete c’uko tuvāvānura, ku nyanduruko y’uko yasambanye, na ho nyene mbona mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi ata kōba agize: na we n’uko, aragenda yihindura maraya.


Uzogeza ryari kwāngāra irya n’ino, ewe mukobga wasubiye inyuma? Kuk’ Uhoraho yaremye ikintu gisha mw isi, k’umugore azozigama umugabo.


Kukw inzu ya Isirayeli n’inzu ya Yuda zandyarutse rwose, ni k’Uhoraho agize.


Ariko ntibāvyumvira, kandi ntibātega ugutwi kwabo, ariko bāgendera mu migabo yabo, no mu bukomantare bg’imitima yabo mibi, kandi bāsubira inyuma, ntibāja imbere.


ko wiyubakiye akanyabugoro ahibonekeza mu mayirabiri yose, ugataba ibitabo vyawe ku nzira zose; mbere ntiwabaye nka maraya, kuk’ utārinda no guhērwa.


Nuko rero, wewe maraya, ni wumve ijambo ry’Uhoraho:


kuko, mmaze kubashitsa mu gihugu, ico narahiye mmanitse ukuboko ko nzobaha, uko babonye umusozi wose muremure n’igiti cose gitotahaye, baciye bahatangira ibimazi vyabo, baba ari ho bashikanira ishikanwa ryabo ryo kundatsa; ni ho batangiye ibizana imibabge imota neza, bakahasukira amashikanwa yabo y’ibiturire.


Nuko murumuna we Oholiba abona ivyo, yamar’ amurusha kwihumanya mu kugenda agomwa kwiwe, ubumaka bgiwe buruta ubga mukuru we.


Amazina yabo, umukuru yitwa Ohola, na murumuna we yitwa Oholiba: hanyuma ndabābīra, bacika abanje, bavyara abahungu n’abakobga. Ayo mazina yabo, Ohola ni we Samariya, na we Oholiba ni Yerusalemu.


Abantu banje bamogoreye gusubira inyuma ngo bamveko; naho bobahamagarira kwerekeza amaso kw Īsumba vyose, ariko nta n’umwe yokwemera kuyishira hejuru.


Bacumitira ibimazi ku mpinga z’imisozi, bakosereza imibavu ku turambi, musi y’ibiti vy’imyeloni n’ivy’ imilebeni n’ivy’ imyela, kuko bigira ibitūtu vyiza; ni co gituma abakobga banyu bīgira ba maraya, n’abakazana banyu bagasambana.


Ariko bakanka kwumvira abo bacamanza babo, bakagenda bahurumbira izindi mana nk’ibimaka, bakazūnamira, bagata vuba inzira ba sekuruza bāhora bagenderamwo, ntibumvira ivyagezwe vy’ Uhoraho nk’ukw abo bāvyumvira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ