5 uti Mbeg’ uzohorana uburake imisi yose? Uzobgamana gushitsa kw iherezo? Mbega si wewe wavuze ibintu bibi, ugatak’ ukabikora, ukīgira uk’ ugomba?
None ngabiye mu mutima wanje gusezerana isezerano n’Uhoraho Imana y’Abisirayeli, kugira ng’ uburake bgiwe bg’inkazi butuveko.
Mbeg’ uzoturakira ibihe bidashira? Uzokomeza uburake bgawe ibihe vyose?
Mbega ntuzokwongera kuturabūra, Kugira ngw abantu bawe bakunezererwe?
Kuko ntotongana ibihe vyose, kandi sinokwama ndatse: kukw imitima n’ubugingo naremye vyodendebukirirwa imbere yanje.
Uhoraho, reka kuraka cane birenze urugero, ntiwame wibuka ibigabitanyo vyacu ibihe vyose; ni witegereze se turakwinginze, twese tur’ abantu bawe.
Genda uvuge aya majambo werekeye i burārūko, uti Garuka, yewe Isirayeli Inamusubiranyuma, ni jewe Uhoraho mbivuze. Sinzokurābana ishavu, kuko nd’ umunyembabazi, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi sinzokwamana uburake imisi yose.
None rero n’iki cashubije inyuma aba bantu b’i Yerusalemu, bagasubira inyuma akagīrīre? Bakobereza ubugunge, bakanka kugaruka.
Narateze ugutwi ndumviriza, ariko nta ho bavuga ukuri: nta muntu yihannye ibibi vyiwe, ngo yibaze, ati Mbeg’ ico nakoze n’igiki? Umuntu wese apfa guhuruduka, akajana inzira yiwe, ameze nk’ifarasi igenda akabushungwe yirukira mu ntambara.
Rāba abaganwa b’Abisirayeli baba muri wewe uko bangana bakoresha ububasha bgabo kuvisha amaraso.
Bazobona ibara, abīgerera ivyo kugabitanya, bakīgīra inama zo gukora ibibi bari ku mariri yabo; bgāca bakabikora, kuko bibashobokeye!
Amaboko yabo yamogoreye gukora ibibi; umuganwa ari n’ivyo yāka, umucamanza aca ingurire, ūhambaye yenyaguza ivyifuzo bibi vyo mu mutima wiwe: uko ni ko babijishira hamwe.