Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 3:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Mbe ntiwoca uhēra ubu ukantakambira, uti Muvyeyi wanje, ni wewe wandōngōra mu buto bganje?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 3:4
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umusore azokwezesha inzira yiwe iki? Azoyezesha kuyitondera nk’ ukw ijambo ryawe rivuga.


Kukw iyi Mana ar’ Imana yacu ibihe bitazoshira, Ni yo izoturōngōra gushitsa ku rupfu.


Mana, ni wewe wanyigishije, uhereye mu buto bganje, Kugeza n’ubu ndacavuga ibikorwa vyawe bitangaje.


Kukw ari wewe vyizigiro vyanje, Mwami Uhoraho: Ni wewe nizera, uhereye mu buto bganje,


No guha imburabgenge kwiguranura, N’umusore kumuha ukumenya no kugira amakenga:


Yataye umukunzi wo mu buto bgiwe, Yibagiye isezerano ry’Imana yiwe:


riti Genda usemererere mu matwi y’ab’ i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nibuka urukundo rwo mu buto bgawe, n’ukuntu wannogera ukir’ umugeni; ukuntu wankurikiye mu bugaragwa, no mu gihugu kitigeze kubibgamw’ imbuto.


ababgira ikigegene, bati Ni wewe data; bakabgira ibuye, bati Ni wewe wamvyaye: kuko banteye ibitugu, ntibabe bakinshirakw amaso; ariko mu gihe c’ivyago vyabo bazotakamba, bati Haguruka udukize.


Ariko narībajije, nti Nogushira nte mu bana banje, nkaguha igihugu c’igikundiro, nkaguha umwandu mwiza uruta iy’ ayandi mahanga yose? Nari naravuze, nti Muzonyita umuvyeyi wanyu, kandi ntimuzokebanuka ngo mumve inyuma.


Uzogeza ryari kwāngāra irya n’ino, ewe mukobga wasubiye inyuma? Kuk’ Uhoraho yaremye ikintu gisha mw isi, k’umugore azozigama umugabo.


Bazoza barira, kandi nzobarōngōra banyinginga, nzobacisha i ruhande y’inzūzi zuzuye, mu nzira igororotse aho batazotsitara; kuko Isirayeli namubereye se, Efurayimu n’imfura yanje.


Nzohamukomōrera imizabibu yiwe, ndamuhe ca kiyaya c’i Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro: na we azoharirimbira, nko mu gihe c’ubuto bgiwe, nko mu gihe yadūga, avuye mu gihugu ca Egiputa.


Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’ asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’ asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo ababaza. Yamara muravuga, mut’ Izina ryawe twarikēngereye dute?


Yamara muravuga, muti Ni ku ki? Ni kuk’ Uhoraho yabaye icabona canyu, mwe n’umugore wawe wo mu bucance, uwo waryarutse, nah’ ar’ umugenzi wawe, akaba n’umugore w’isezerano.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ