Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 3:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 N’ukuri kwishimira ugutabarwa kuva ku misozi n’ukw’ ubusa, bo n’akarūru ko ku misozi miremire: n’ukuri Uhoraho Imana yacu muri we ni ho har’ agakiza k’Abisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 3:23
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Agakiza n’ak’ Uhoraho: Umugisha utanga ube ku bantu bawe. Sela.


Imana ni yo irimw’ agakiza kanje n’icubahiro canje: Igitandara c’inkomezi zanje n’ubuhungiro bganje biri mu Mana.


Ifarasi itegurirwa umusi w’ intambara, Arik’ ukunesha kuva k’Uhoraho.


Nuko kur’ uwo musi amasigarira y’Abisirayeli n’abazoba barokotse b’inzu ya Yakobo, bazoba batacisunga uwabakubise, ariko bazokwisunga Uhoraho Uwera w’Abisirayeli mu vy’ukuri.


Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.


Jewe, jewe nyene nd’ Uhoraho; kandi nta wundi Mukiza atari jewe.


Abaryohora ibishushanyo bibājwe bose n’ubusa; n’ ibintu vyabo vy’igikundiro nta co bizomara, n’ivyabona vyabo ubgavyo nta co bibona, nta co bimenya; kugira ngo bamāramāre.


N’ukuri ur’ Imana yihishije, wewe Mana y’ Abisirayeli, Umukiza.


Arikw Abisirayeli bazokizwa n’Uhoraho, abakirishe agakiza kadashira: ntimuzotētērwa, canke ngo mumāramāre, no gushitsa ibihe bitazoshira.


Ni mukorane, ni muze, mwīgirire hafi hamwe, mwebge abarokotse bo mu mahanga: abīkorera igiti c’ikigirwamana cabo c’ikibāzano, bagasenga imana idashobora gukiza, nta bgenge bagira.


Uriya ni nde aturutse muri Edomu, i Bosira, yambaye imyambaro y’agahama, yambaye impuzu zikayangana, araramanga ari n’inkomezi nyinshi? Ni jewe mvuga mu bugororotsi, umunyabushobozi bgo gukiza.


Kuko wewe uri Data wa twese, naho Aburahamu atatuzi, kandi na Isirayeli ntatwemere: wewe ubgawe, Uhoraho, ni wewe Data; Umucunguzi wacu ni ryo zina ryawe uhereye kera hose.


Wewe vyizigiro vy’Abisirayeli, umukiza wabo mu gihe c’ivyago, n’iki cotuma utubako nk’umuntu w’akavantara ari mu gihugu, canke nk’impirahisi yaka indāro y’ijoro rimwe?


Mvūra, Uhoraho we, nanje ndakira; undokore, nanje ndarokoka: kukw ari wewe shimwe ryanje.


abana babo bibuka ibicaniro vyabo, n’ibigirwamana vyabo vya Ashera vyashinzwe i ruhande y’ibiti bitotahaye ku misozi miremire.


Kandi ku ngoma y’umwami Yosiya, Uhoraho arambarira, ati Mbega wabonye ico Isirayeli Inamusubiranyuma yakoze? Yadūze umusozi wose muremure, akaja no musi y’igiti cose gitōtahaye, akīhindurirayo maraya.


Kuk’ ukw ari k’ Uhoraho agize, ati Muririmbane umunezero kubga Yakobo, musemerere kubg’ umukuru w’amahanga: mwamamaze mushima, mut’ Uhoraho, kiza abantu bawe, ni bo masigarira y’Abisirayeli.


kuko, mmaze kubashitsa mu gihugu, ico narahiye mmanitse ukuboko ko nzobaha, uko babonye umusozi wose muremure n’igiti cose gitotahaye, baciye bahatangira ibimazi vyabo, baba ari ho bashikanira ishikanwa ryabo ryo kundatsa; ni ho batangiye ibizana imibabge imota neza, bakahasukira amashikanwa yabo y’ibiturire.


Ariko nzogirira ikigongwe inzu ya Yuda, mbakize jewe Uhoraho Imana yabo; kandi sinzobakirisha umuheto, cank’ inkota, cank’ intambara, cank’ amafarasi, cank’ abayagenderako.


Mwebge musenga ico mutazi; tweho dusenga ico tuzi, kukw agakiza gaturuka mu Bayuda.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ