Yeremiya 3:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)2 Unamurira amaso ku mpinga mu ruharabuga, witegereze: mbeg’ aho batāryamanye nawe ni hehe? Wabategeye ku mayira, nk’uk’ Umwarabo ategera mu bugaragwa; wononesheje igihugu ubusambanyi bgawe n’ivyaha vyawe. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kand’ ibitabo vyātabge ku mpinga y’umusozi werekeye i Yerusalemu, ahahera i bumanuko h’umusozi w’ibore, ivyo Salomo umwami w’Abisirayeli yatabiye Ashitoreti ca kizira c’ubuyobe c’ Abasidoni, na Kemoshi ca kizira c’ubuyobe c’Abanyamowabu, na Milikomu ca kizira c’ubuyobe c’ Abamoni, umwami arabihumanya.
kuko, mmaze kubashitsa mu gihugu, ico narahiye mmanitse ukuboko ko nzobaha, uko babonye umusozi wose muremure n’igiti cose gitotahaye, baciye bahatangira ibimazi vyabo, baba ari ho bashikanira ishikanwa ryabo ryo kundatsa; ni ho batangiye ibizana imibabge imota neza, bakahasukira amashikanwa yabo y’ibiturire.