Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 3:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Mur’ iyo misi ab’ inzu ya Yuda bazogendana n’ab’ inzu ya Isirayeli, bazanane bava mu gihugu c’i burārūko, baza mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu k’umwandu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 3:18
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho yiyereka Aburamu, aramubarira, at’ Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu. Aca ahubaka igicaniro, yubakiye Uhoraho amwiyeretse.


Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; nzozana uruvyaro rwawe ndarukūye i burasirazuba, nzogukoraniriza hamwe ndagukūye i burengerazuba;


nzobgira i burārūko, nti Barekure, n’i bumanuko, nti Ntubīmane; zana abahungu banje ubakūye kure, n’abakobga banje ubakūye ku mpera y’isi;


ariko bazorahira uguhoraho kwanje jewe Uhoraho ko nakūye Abisirayeli mu gihugu c’i burārūko, no mu bihugu vyose aho nzoba narabirukaniye: kandi nzobagarukana mu gihugu cabo nahaye ba sekuruza.


ariko bazorahira uguhoraho kwanje Uhoraho, ko nakūye uruvyaro rw’ab’ inzu ya Isirayeli mu gihugu c’i burārūko, nkabarōngōra, nkabakūra mu bihugu vyose aho nzoba narabirukaniye; kandi bazokwibera mu gihugu cabo bgite.


Genda uvuge aya majambo werekeye i burārūko, uti Garuka, yewe Isirayeli Inamusubiranyuma, ni jewe Uhoraho mbivuze. Sinzokurābana ishavu, kuko nd’ umunyembabazi, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi sinzokwamana uburake imisi yose.


Kukw imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzotuma abantu banje b’Abisirayeli n’Abayuda bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzotuma bagaruka mu gihugu nahaye ba sekuruza, baciganzire.


Ehe nzobazana mbakūye mu gihugu c’i burārūko, mbakoranirize hamwe mbakūye ku mpera z’ isi; kandi bazozanana n’impumyi n’ūcumbagira, n’umugore akuriwe hamwe n’ūramutswe: bazogaruka ino ar’ ishengero rinini.


Mur’ iyo misi no mur’ ico gihe, ni jewe Uhoraho mbivuze, ibigabitanyo vy’Abisirayeli bizoronderwa, bibure; n’ivyaha vy’Abayuda na vyo ntibizoboneka: kuko nzoharira abo nashigaje kuba amasigarira.


Kuko mur’ iyo misi no mur’ ico gihe, ni k’Uhoraho agize, Abisirayeli bazoza, bazananye n’ Abayuda; bazogenda barira ingenda, barondera Uhoraho Imana yabo.


Bazobaza ivy’ i Siyoni bahērekeje amaso, bat’ Enda ni muze mwifatanye n’Uhoraho musezerane isezerano ritazoshira ritazokwibagirana.


nuko nanje nzobabesha aha hantu, mu gihugu nahaye ba sogokuruza, uhereye ubga mbere ugashitsa ibihe bidashira.


Nuko rer’ uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobakoranya mbakūre mu mahanga, kandi mbakoranirize hamwe mbakūye mu bihugu aho mwari mwarasābagirijwe, maze mbahe igihugu c’i Bgisirayeli.


Kand’ Abayuda n’Abisirayeli bazokoranira hamwe, bitoranirize segaba umwe, badūge bave mu gihugu; kuk’ uwo musi w’i Yezireli uzoba uhambaye.


Efurayimu ankikije ibinyoma, n’ab’ inzu ya Isirayeli bankikije ubugunge; ariko Yuda we aracatwarira Imana, aracar’ umwizigirwa k’Uwera.


Ni mwībūranire na nyoko, ni mwībūranire; kukw atar’ umugore wanje, nanje sind’ umugabo wiwe: n’akūre ubushegabo bgiwe mu maso hiwe, n’ubumaka bgiwe abukūre hagati y’amabere yiwe;


Kandi nzobateragira mu gihugu cabo, ntibazosubira kurandurwa mu gihugu cabo nabahaye, ni k’Uhoraho Imana yawe igize.


Kandi nzokomeza inzu ya Yuda, nkize n’inzu ya Yosefu; nzobagarukana, kuko mbagiriye ikigongwe; bazomera nk’aho ntigeze kubaca, kuko jewe nd’Uhoraho Imana yabo, kandi nzobumva.


Yemwe! Yemwe! Ni muhunge muve mu gihugu c’i burārūko, ni k’Uhoraho agize; kuko nk’ukw ibirēre bine vy’ijuru vyītangūranye, ari ko nabasābagije, ni k’Uhoraho agize.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ