Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 3:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Genda uvuge aya majambo werekeye i burārūko, uti Garuka, yewe Isirayeli Inamusubiranyuma, ni jewe Uhoraho mbivuze. Sinzokurābana ishavu, kuko nd’ umunyembabazi, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi sinzokwamana uburake imisi yose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 3:12
45 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni wakora neza ntuzokwemerwa? ariko n’utākora neza, icaha kibunze ku rugi: kandi ni wewe cifuza, arik’ ukwiye kukinesha.


Kandi ku ngoma ya Peka umwami w’Abisirayeli, Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri araza, atera ahitwa Iyoni n’i Abeli‐beti‐mayaka, n’i Yanowa n’i Kedeshi, n’i Hasori n’i Gileyadi, n’i Galilaya n’igihugu cose c’i Nafutali; abantu baho abajana i Ashuri ar’ inyagano.


gushitsa ah’ Uhoraho yabakūriye imbere yiwe, nk’uko yari yarabivugiye mu basavyi biwe bose yavugisha. Uko ni kw Abisirayeli bāmbukanywe, bakūrwa mu gihugu cabo bajanwa muri Ashuri, gushitsa na bugingo n’ubu.


Mu mwaka ugira icenda Hoseya ari ku ngoma, ni ho umwami w’i Ashuri yatsinze i Samariya; araheza ajana Abisirayeli ar’ inyagano, abajana muri Ashuri, abashira i Hala no kuri Habori, uruzi rw’i Gozani, no mu bisagara vy’ Abamedi.


Mu mwaka ugira gatatu Hoseya mwene Ela, umwami w’Abisirayeli ari ku ngoma, ni ho Hezekiya mwene Ahazi, umwami w’i Buyuda, yima.


None ngabiye mu mutima wanje gusezerana isezerano n’Uhoraho Imana y’Abisirayeli, kugira ng’ uburake bgiwe bg’inkazi butuveko.


Ngo Kuko ni mwahindukirira Uhoraho, ab’ i wanyu n’abana banyu bazotera akagongwe abābajanye ar’ inyagano, babarekure bagaruke mur’ iki gihugu; ngo Kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ umunyabuntu kandi n’umunyembabazi, ntazobakūrakw inyonga ziwe ni mwamugarukako.


Arikw imbabazi Uhoraho agirira abamwubaha zahereye kera hose, zikazoshitsa ibihe vyose, Kand’ ukugororoka kwiwe kuzoshitsa no ku buzukururuza babo;


Uhoraho yuzuye imbabazi, n’umunyabuntu, Ateba kuraka, agira ikigongwe cinshi;


Ntazokwama ahana, Ntahorana uburake imisi yose.


Uhoraho n’umunyabuntu, yuzuye imbabazi, Ateba kuraka, agira ikigongwe cinshi.


Uhoraho we, uzogeza hehe kuraka ibihe vyose? Mbeg’ ifuhe ryawe rizokwama ryaka nk’umuriro?


Ariko wewe Mwami, ur’ Imana yuzuye imbabazi, ur’ inyabuntu, Uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi n’ukuri kwinshi.


Kuko wewe Mwami, uri mwiza, ugabirije guharira, Kandi wuzuye imbabazi ku bakwambaza bose.


Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, Arik’ ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.


Yemwe Bisirayeli, ni muhindukirire uwo mwagararije ruhebga.


Neyuye ibicumuro vyawe nk’igicu gitwaye intunda, n’ivyaha vyawe nk’igicu: garuka kuri jewe, kuko nagucunguye.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Tāngāza aya majambo yose mu bisagara vy’i Buyuda, no mu nzira z’i Yerusalemu, uti Ni mwumve amajambo y’iri sezerano, muyitondere.


Hanyuma mmaze kubashika nzohindukira mbagirire ikigongwe; kandi nzobagarukana, umuntu wese asubire mw ishamvu yiwe, umuntu wese asubire mu gihugu cabo.


ariko bazorahira uguhoraho kwanje Uhoraho, ko nakūye uruvyaro rw’ab’ inzu ya Isirayeli mu gihugu c’i burārūko, nkabarōngōra, nkabakūra mu bihugu vyose aho nzoba narabirukaniye; kandi bazokwibera mu gihugu cabo bgite.


Baravuga, bat’ Umuntu ni yirukana umugore wiwe bakavana, akābīrwa n’uwundi mugabo, mbeg’ uwo mugabo wiwe yosubira kumugarukana ukundi? Mbega n’igihugu nyene nticoba cononekaye? Nawe wīgize maraya ku būzure batari bake; non’ ugira ngo wongarukako? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Garuka, mwa bantu basubiye inyuma, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko jewe nd’ umugabo wanyu; kandi nzobagarukana i Siyoni, umwe ndamukūye mu gisagara kimwe, babiri mu muryango umwe;


Mur’ iyo misi ab’ inzu ya Yuda bazogendana n’ab’ inzu ya Isirayeli, bazanane bava mu gihugu c’i burārūko, baza mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu k’umwandu.


Garuka, mwa bantu basubiye inyuma, nzoharira ugusubira inyuma kwanyu. Ehe tukugarutseko, kukw ari wewe Uhoraho Imana yacu.


uti Mbeg’ uzohorana uburake imisi yose? Uzobgamana gushitsa kw iherezo? Mbega si wewe wavuze ibintu bibi, ugatak’ ukabikora, ukīgira uk’ ugomba?


Amaze gukora ivyo vyose, naravuze, nt’ Azongarukako; maze ntiyagaruka; kandi mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi arabibona.


Kuko ndi kumwe nawe, ni jewe Uhoraho mbivuze, kugira ngo ngukize; kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzogubana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.


Mbega Efurayimu n’umwana wanje nkunda koko? N’umwana ateye igomwe? Kuk’ uko ndamukankamiye nama ndamwibukana igishika; ni co gituma ndamuhagarikira umutima: sinzobura kumugirira ikigongwe, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Wishingire ibimenyetso bikurangira inzira, wironkere ibiti vy’ivyapa: shira umutima ku nzira y’iroro, imwe wajana ukijayo: hindukira, ewe nkumi, ruvyaro rwa Isirayeli, hindukira ugaruke mur’ ibi bisagara vyawe.


Ehe nzobazana mbakūye mu gihugu c’i burārūko, mbakoranirize hamwe mbakūye ku mpera z’ isi; kandi bazozanana n’impumyi n’ūcumbagira, n’umugore akuriwe hamwe n’ūramutswe: bazogaruka ino ar’ ishengero rinini.


nuko rero nzoca n’uruvyaro rwa Yakobo, n’urwa Dawidi umusavyi wanje, ngo noye gutora mu ruvyaro rwiwe abo kuganza uruvyaro rwa Aburahamu na Isaka na Yakobo; kuko nzotuma bahindukira bakava mu kinyago, kandi nzobagirira imbabazi.


Namb’ ugomba guhindukira, ewe Isirayeli, ni jewe ukwiye guhindukirira, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi ni wakūrah’ ivyo ukora vy’ubuyobe mu nyonga zanje, nuko nawe ntuzokūrwaho;


N’ukw imbabazi z’Uhoraho ari zo zatumye tudaherengetezwa, kukw ikigongwe ciwe kidahera:


Nuko rer’ uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobakoranya mbakūre mu mahanga, kandi mbakoranirize hamwe mbakūye mu bihugu aho mwari mwarasābagirijwe, maze mbahe igihugu c’i Bgisirayeli.


Ubabgire, uti Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa, atar’ uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Noneho, ngira ngarukane aba Yakobo, mbakūre mu ngoyi zabo, ngirire imbabazi ab’ inzu ya Isirayeli bose, kandi mfuhire izina ryanje ryera.


Enda ni muze, dusubire k’Uhoraho, kukw ari we yadutabaguye kandi ni we azotuvūra; ni we yadukubise kandi ni we azodusomōra.


Ariko ni bātura ibigabitanyo vyabo n’ibigabitanyo vya ba sekuruza, ari vyo bihemu vyabo, bakemera yuko kunyuranya nanje kwabo


Mureke kuba nka ba sogokuruza banyu, abo navugisha kera bābabarira basemerera, bat’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Enda ni muhindukire muve mu ngeso zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi; maze ntibumva, nanje ntibanyumvira, ni k’Uhoraho agize.


mugahindukirira Uhoraho Imana yanyu, mukamwumvira muri vyose, nk’ uko mbibagera uyu musi, mwe n’abana banyu, mumwumvirishije imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ