Maze Yosiya akūra ibizira vyose vy’ubuyobe mu ntāra zose z’Abisirayeli, yemeza abari mu gihugu c’i Bgisirayeli bose gusaba Uhoraho Imana ya ba sekuruza. Igihe cose yamaze akiriho nta ho bāretse gukurikira Uhoraho, Imana ya ba sekuruza.
Bahindukiriye ibigabitanyo vya ba sekuruza bāhora banka kwumva amajambo yanje; bakurikiye izindi mana ngw abe ari zo basaba: ab’ inzu ya Isirayeli n’ab’ inzu ya Yuda bishe isezerano ryanje nasezeranye na ba sekuruza.
Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu!
Nabateje kurumvya bo n’ururyi: isinzi ry’ imirima yanyu yakegeswe n’inzige, bo n’inzabibu zanyu, n’imisukoni yanyu, na elayo zanyu: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.