3 Hasigaye imyaka ibiri yiramvuriye nkagarukana aha hantu ivy’ imbombovu vyo mu ngoro y’Uhoraho vyose, ivyo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yasahuye aha hantu, akabijana i Babuloni;
Yakobo amara imyaka cumi n’indwi ari mu gihugu ca Egiputa: nukw imyaka Yakobo yamaze n’ ijana na mirongwine n’indwi, iyo ni yo myaka y’ukubaho kwiwe.
Yakobo yishura Farawo, at’ Imyaka y’ukuyerera kwanje kw isi n’ijana na mirongwitatu: iyo myaka mbayeho ibaye mike kandi mibi, ntingana n’imyaka ba sogokuruza bamaze, mu misi y’ukuzenzagira kwabo.
Asahura ibitunzwe vyose mu ngoro y’Uhoraho, bo n’ivyo mu ngoro y’umwami, amenagura n’ ibintu vyose vy’imbombovu vy’ izahabu vyari mu rusengero rw’ Uhoraho, ivyo Salomo umwami w’Abisirayeli yari yaracurishije, nk’uk’ Uhoraho yavuze.
Ku gacikamvura umwami Nebukadineza aratuma ngo bamuzane i Babuloni, bo n’ibintu vyiza‐vyiza vyo mu ngoro y’Uhoraho; yimika mukuru we Zedekiya ngw abe umwami w’i Buyuda n’i Yerusalemu.
Nebukadineza atakw ajana n’ ibintu vyo mu ngoro y’Uhoraho i Babuloni, abishira mu rusengero rwiwe i Babuloni nyene.
Imisi y’imyaka yacu n’imyaka mirongwirindwi, Canke naho, kubg’ intege nyinshi, yoshika kuri mirongumunani, Yamar’ ivyiratwa vyayo n’ ubutame n’umubabaro, Kukw ishira vuba, natwe tukaba tugurutse.
Umwami Imana agabura Yehoyakimu umwami w’Abayuda mu maboko yiwe, bo n’ibintu vy’imbombovu bimwe vyo mu ngoro y’Imana, abijana mu gihugu c’i Shinari mu nzu y’imana yiwe; ashira ivyo bintu mu nzu y’ ububiko bg’iyo mana.