Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 27:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 None rero mwebge, ntimuruhe mwumvira ba kamenyi banyu, cank’ abapfumu banyu, cank’ inzozi zanyu, cank’ abamenyi banyu, cank’ abarozi banyu, bababarira, bati Ntimuzoruha musaba umwami w’i Babuloni:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 27:9
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Farawo na we ahamagaza abanyabgenge n’abapfumu: abo ni bo banyamarēba bo muri Egiputa, na bo babigira bartyo, babikoresheje amarēba yabo.


Mwana wanje, reka kurinda kwumviriza gutozwa indero nziza, Namb’ ugomba guta amajambo y’ubgenge.


Kandi ni bababgira, ngo Ni mubaze abahamagara imizimu, mubaze n’abamenyi bajwigira bongorera: mbeg’ ikibereye abantu ntibāri bakwiye kubaza Imana yabo? Mbeg’ ivy’ abariho vyobazwa abapfuye?


Uhoraho aranyishura, at’ Abo ba kamenyi bavuga ibinyoma mw izina ryanje: sinabatumye, nta co nabageze, nta co nababariye: babarotorera ivyo beretswe vy’ibinyoma, n’ indagu, n’ibitagira ikimazi, n’ ubuhuhuta bgo mu mitima yabo.


Nuk’ uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ntimwumvirize amagambo abo ba kamenyi bababarira; babigisha ibitagira ikimazi; barotora ivyo beretswe bivuye mu mitima yabo ubgabo, bitavuye mu kanwa kanje Uhoraho.


Numvise ivyo ba kamenyi bavuga, barotora ibinyoma mw izina ryanje; bati Narose, narose.


Rāba, nzohigūra n’abarotora inzozi z’ibinyoma, ni jewe Uhoraho mbivuze, bakazisigura, bakazimirisha abantu banje ibinyoma vyabo n’ukwihayagiza kwabo kw’ ubusa: yamara jewe nta ho nabatumye, nta co nabageze; kandi nta co bazomarira ubu bgoko na gatoya, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kuk’ ukw ari k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ba kamenyi banyu baba muri mwebge n’abapfumu banyu ntibabahende, kandi ntimukumvire inzozi babarotera.


bākuroteye inzozi z’ubusa, n’indagu z’ibinyoma, ngo ni wewe uzoyibangurira ku mazosi y’abanyakibi bākomerekejwe akagīrīre, abo umusi wabo washitseko, mu gihe giherahereza ibigabitanyo vyabo.


Abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi bararenguka: mbarotorera izo nzozi, ariko ntibāmmenyesha uko zisobanurwa.


Abamenyi bazotētērwa, n’abapfumu bamāramāre; mbere bose bazojorerwa, kukw ata co bishuwe kivuye ku Mana.


Kukw ibigirwamana vyitwa terafimu bivuga ubusa, n’abapfumu bakaragura ibinyoma; bavōvōta inzozi z’ibihumbagurano, bakaremeshereza abantu ubusa: ni co gituma abantu bazimira nk’intama, bakagorwa, kuko batagira umwungere.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Arikw icatuma bamushirak’ umutima n’uk’ uhereye kera yabūmiza n’amarēba yiwe.


Ntihakagire umuntu abahendesha amagambo y’ubusa: kukw ivyo ari vyo bizanira uburake bg’Imana abantu b’intabarirwa.


ico kimenyamenya cank’ ico gitangaza kigashika, ico yababariye, ati Ni cashika tuze tugendanire izindi mana, tuzisabe; kand’ ar’ imana mutigeze kumenya;


Kukw ayo mahanga mugiye gusohora ar’ abantu bemera abatera amabara n’ abapfumu; ariko mweho, Uhoraho Imana yanyu ntiyemera ko mugenza murtyo.


Kandi na Balamu mwene Beyori w’umumenyi, Abisirayeli bāmwicishije inkota hamwe n’abandi bishe.


Kand’ ukumurika kw’itara ntikugisubira kubonesha muri wewe ukundi, kand’ ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni ntirigisubira kwumvikana muri wewe ukundi. Abadandaza bawe bār’ abahambaye bo kw isi, kukw amahanga yose yahendahenzwe n’uburozi bgawe.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.


kandi ntibihana ngo bareke ubgicanyi bgabo, cank’ uburozi cank’ ubushakanyi cank’ ubusuma.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ