Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 27:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Maz’ ihanga ryose cank’ igihugu c’ umwami wese, ni habah’ abatemera gusaba Nebukadineza, uyo mwami w’i Babuloni, canke ngo bemere kugondera izosi ingōgo yiwe, iryo hanga nzorihana, ni k’ Uhoraho agize, ndarihanishe inkota n’inzara n’ikīza, gushitsa aho nzoba mperaheje kubaranduza ukuboko kwiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 27:8
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi nzorungika inkota n’inzara n’ikīza muri bo, gushitsa aho bazoba baherengeteye mu gihugu nabahānye na ba sekuruza.


nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.


Arikw ihanga rizogondera izosi umwami w’i Babuloni, rikamusaba, iryo nzoryemerera kuguma mu gihugu cabo bgite, ni jewe Uhoraho mbivuze; bazokirima, bakibemwo.


Mugombera iki gupfa, wewe n’abantu bawe, ngo mwicishwe inkota n’inzara n’ikīza, nk’uk’ Uhoraho yavuze kw ihanga ritazokwemera gusaba umwami w’i Babuloni?


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Nambitse ingōgo z’ivyuma ku mazosi y’aya mahanga yose, kugira ngo basabe Nebukadineza umwami w’i Babuloni: kandi bazomusaba; kandi namuhaye ibikōko vyo ku misozi na vyo.


kandi nzogarukana aha hantu Yekoniya mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda, bo n’abānyazwe bose b’i Buyuda bāgiye i Babuloni, ni k’Uhoraho agize, kuko nzovuna ingōgo mwambitswe n’umwami w’i Babuloni.


uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Rāba nzorungika inkota n’ inzara n’ikīza muri bo, mbahindure nk’insukoni ziteye ishishi, zidashoboka kuribga kubgo kubora.


Nzobirukanisha inkota n’inzara n’ikīza, mbatange batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo babe ibivume n’akajoreza n’ abo kuvuzwakw agahwa n’igitutsi mu mahanga yose aho nabirukaniye;


Maze Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, ababarira abarahira, bo n’ingabo zabo, ati Ntimutinye gusaba Abakaludaya: mwibere mu gihugu, musabe umwami w’i Babuloni, kandi bizobaroranira.


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega ntibizorushiriza kuba birtyo kuri Yerusalemu, igihe nzoharekurira ivyo bihano bihambaye ukw ari bine, ni vyo nkota n’inzara n’ibikōko vy’inkazi n’ ikīza, kugira ngo ndaharandure abantu n’ibitungano?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ