Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 27:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kandi non’ ibi bihugu vyose mbishize mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje; ndamuhaye n’ibikōko vyo ku misozi kumukorera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 27:6
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amuyāgīsha neza, yubahiriza intebe yiwe kuyirutisha iz’ abandi bami bāri kuri we i Babuloni.


ngo Kuro, umwami w’i Buperesi aravuze, at’ Uhoraho Imana Nyen’ ijuru yangabiye ibihugu vyose vyo mw isi. Kandi yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda. Non’ umuntu wese muri mwebge wo mu bantu biwe bose, Uhoraho Imana yiwe n’ibane na we, adūge ajeyo.


mvuga ivya Kuro, nti N’umwungere wanje, azoshitsa ivyo ngomba vyose; nkavuga ivya Yerusalemu, nti Hazokwubakwa; nkabarira urusengero, nt’ Itanguriro ryawe rizoshirwaho.


Kandi hanyuma y’ivyo, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzogabura Zedekiya umwami w’Abayuda, n’ abasavyi biwe, n’abantu bazoba bagisigaye mur’ iki gisagara, batishwe n’ikīza n’inkota n’inzara, mbashire mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, no mu maboko y’abansi babo, no mu maboko y’abarondera kubica: azobicisha ubugi bg’inkota; ntazobagirira impuhwe cank’ akagongwe cank’ imbabazi.


kandi nzokugabura mu maboko y’abarondera kukwica, no mu maboko y’abo utinya, mbere no mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, no mu maboko y’Abakaludaya.


Uhoraho aranyereka, mbona ibisimbo bibiri vy’insukoni biteretse imbere y’urusengero rw’ Uhoraho, igihe Nebukadineza umwami w’i Babuloni yar’ amaze kujana Yekoniya mwene Yehoyakimu, umwami w’i Buyuda, kw inyagano, bo n’abaganwa b’i Buyuda n’ababāji n’abacuzi, abakūra i Yerusalemu abashikana i Babuloni.


nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Nambitse ingōgo z’ivyuma ku mazosi y’aya mahanga yose, kugira ngo basabe Nebukadineza umwami w’i Babuloni: kandi bazomusaba; kandi namuhaye ibikōko vyo ku misozi na vyo.


ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ngw Eh’ azotuma kuzana Nebukadineza umwami w’i Babuloni umusavyi wiwe, na we azotereka intebe yiwe y’ubgami kur’ aya mabuye mpishije; kand’ azoshinga ihema ryiwe ry’ubgami kuri yo.


Muhunge, mukwiragire kure, muje kuba ahigobetse, yemwe ababa i Hazori, ni k’Uhoraho agize; kuko Nebukadineza umwami w’i Babuloni yabahigiye imihigo, yarunduye imigabo y’ivy’ azobagirira.


Kandi nzohindura igihugu ca Egiputa amatongo hagati y’ibindi bihugu vyacitse amatongo, n’ibisagara vyaho biharūwe mu bindi bisagara vyacitse imisaka, bizoba amatongo kumara imyaka mirongwine: kand’ Abanyegiputa nzobasābagiriza mu yandi mahanga, mbashwiragirize mu bindi bihugu.


Maz’ amaboko y’ umwami w’i Babuloni nzoyakomeza, inkota yanje ndayishire mu kuboko kwiwe; arikw amaboko ya Farawo nzoyavuna, kand’ azonihira imbere yiwe umuniho nk’uw’ ūkomeretse uruguma rw’intakira.


Ibibabi vyaco vyari vyiza, kandi cari gitengengeye ibiribga vyinshi, kikabakw ivyo guhāza ibiriho vyose; ibikōko vyo mw ishamba vyugama mu gitūtu caco, ibiguruka mu kirēre vyārika mu mashami yaco, kand’ ivyari n’ubugingo vyose vyatungwa na co.


ico giti ni wewe, mugenzi; warakuze, urakomera, kuk’ ubukuru bgawe bgakuze bugashika kw ijuru, n’inganji yawe igashika ku mpera y’isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ