Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 27:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 mut’ Uhoraho agize ngo Ni jewe naremye isi, n’abantu n’ibikōko biri kw isi, mbiremesha ubushobozi bganje bginshi n’ukuboko kwanje kurāmvuye; kand’ ivyo mbigabira uwo ngomba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 27:5
54 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw Imana irema ibikōko vyo mw isi, nk’ukw amoko yavyo ari, n’ibitungano, nk’ukw amoko yavyo ari, n’ivyikwega hasi vyose, nk’ukw amoko yavyo ari: Imana ibona kw ari vyiza.


Ūzovisha amaraso y’ umuntu, n’ayiwe azovishwa n’abandi: kuk’ umuntu namuremye mw ishusho yanje, jewe Imana.


(kuko batazobura kwumva ivy’ izina ryawe rihambaye, n’ivy’ ububasha bgawe bukomeye, n’ ivy’ ubushobozi bgawe); nuko ni yaza agasenga atumbereye iyi ngoro,


ngo Kuro, umwami w’i Buperesi aravuze, at’ Uhoraho Imana Nyen’ ijuru yangabiye ibihugu vyose vyo mw isi. Kandi yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda.


Wabagabiye ibihugu vy’abami ubaha n’amahanga, ubagabanganya imigabane nk’ukw imiryango yabo iri, begukira igihugu ca Sihoni umwami w’i Heshiboni, n’ igihugu ca Ogi umwami w’i Bashani.


Mbere na mbere washizeh’ itanguriro ry’isi, Kand’ amajuru n’igikorwa c’ intoke zawe.


Kukw ibigirwamana vyose vy’amahanga ar’ ubusa, Arik’ Uhoraho ni we yaremye amajuru.


kukw imisi itandatu ari yo jewe Uhoraho naremyemw’ ijuru n’isi n’ikiyaga n’ ibiri muri vyo vyose, nkaruhuka ku musi ugira indwi: ni co catumye jewe Uhoraho mpezagira umusi w’isabato, nkaweza.


Nuko barira Abisirayeli yuko nd’ Uhoraho, kandi nzobakūra ku bikebere Abanyegiputa babakebera, mbakūre mu buja barimwo, mbacunguze ukuboko kuramvuye, n’ibihano bikomeye:


Uku ni kw Imana Uhoraho agize, uwaremye amajuru akayāgānura, uwagaranzuye isi n’ivy’ imera, uwahaye abantu bo muri yo guhumeka, kand’ abayigendako akabaha ubugingo:


Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wawe, uwakubumvye uhereye ukiri mu nda, ati Ni jewe Uhoraho ndema vyose, nāguye ijuru nd’umwe, ngaranzura isi: har’ uwo twari kumwe?


Ni jewe naremye isi, kandi ndayiremerakw abantu; ni jewe nibambiye amajuru n’amaboko yanje, kand’ ingabo z’inyenyeri zose zo kuri yo ndazigaba.


Mber’ ukuboko kwanje ni kwo kwashizeh’ itanguriro ry’isi, n’ukuboko kwanje kw’i buryo ni kwo kwabamvye ijuru: iyo mbihamagaye bivira hasi rimwe.


ukibagira Uhoraho Umuremyi wawe, ari we yagaranzuye amajuru, agashirah’ amatanguriro y’isi; maz’ ukīriza umusi utinya uburake bg’ūhahaza, iyo yiteguye guhonnya: non’ uburake bg’ūhahaza buri hehe?


ubatume amajambo bashīra ba shebuja, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Uku abe ari ko mubarira ba shobuja,


nt’ Ewe Mwami Uhoraho! Erega ni wewe waremye ijuru n’isi, ubiremesha ubushobozi bgawe buhambaye, n’ukuboko kwawe kurāmvuye: nta kintu na kimwe kikunanira.


Rurema ni yo yaremesheje isi ubushobozi bgayo, ikayihamangirisha ubgenge bgayo, ikagaranzuza ijuru ukumenya kwayo:


kand’ ah’ abantu baba hose yaguhaye n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibiguruka vyo mu kirēre, ibishira mu kuboko kwawe, iguha kubiganza vyose. Nuko rer’ uwo mutwe w’izahabu ni wewe.


asemerera n’ijwi rirenga, ati Ni wīcire ico giti, ugikokore amashami, ugihungurure amababi, usābagize ivyo camye: ibikōko bikive musi, kandi n’ibiguruka bive mu mashami yaco.


Urwo rubanza rwaciwe n’abashibamyi, ari rwo nyene rwashinzwe n’ijambo ry’abera, kugira ngw abakiriho bamenye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, kandi kw ibugabira uwo igomba wese, ikabgimikamwo nyarucari hanyuma ya bose.


ico giti ni wewe, mugenzi; warakuze, urakomera, kuk’ ubukuru bgawe bgakuze bugashika kw ijuru, n’inganji yawe igashika ku mpera y’isi.


ng’ Uzokwirukanwa mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba, uzorisha nk’inka, uzotondwako n’urume ruva mu kirēre, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’ abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


Zirikana mugenzi, Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami n’ubukuru n’ubgiza n’igitinyiro.


bati Yemwe bagabo, n’iki gitumye mugira murtyo? Natwe tur’ abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabgira ubutumwa bgiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,


Imana Rurema, yaremye isi n’ibirimwo vyose, iyo, kukw ari yo Mwami w’ijuru n’isi, ntiba mu nsengero zubatswe n’amaboko,


Kandi yaremye amahanga yose y’abantu, ibakūye mu muntu umwe, ngo basagaze mw isi yose, yashinze ibihe vy’imyaka ko bikūranwa uko yageze, icira abantu imbibe z’aho baba,


kandi ni mwashika ahēgereye urubibe rw’Abamoni, ntimubatere canke ngo mubandurutse; kuko ntazobaha ishamvu ku gihugu c’Abamoni, kuko nagihaye Abaloti kw ishamvu yabo.


bar’ ihanga rikomeye, ry’abantu benshi kandi barebare, nk’ukw Abanaki bameze; arik’ Uhoraho arabatikiza, Abamoni binjira igihugu cabo, begukira ahantu habo;


Uti Kuko we, Uhoraho Imana yanyu, yama abaha umugisha mu bikorwa vyanyu vyose; uti Kukw azi ivy’ urugendo rwanyu rwo mur’ ubu bugaragwa buhambaye; uti Kand’ ubgiwe, Uhoraho Imana yanyu, yabanye namwe iyi myaka ukw ari mirongwine, nta kintu mwakennye.


Uhoraho arambarira, ati Ntimutere Abanyamowabu, ntimubandurutse, kuko ntazobaha ishamvu ku gihugu cabo; ati Kukw ahitwa Ari nahahaye Abaloti kw ishamvu yabo.


Igihe Īsumba Vyose yagabanganya amahanga amashamvu yayo, Igatandukanya amoko n’ayandi, Yashizeh’ imbibe z’amahanga, Nk’ukw igitigiri c’Abisirayeli kingana.


canke mu gikōko canke mu gitunzwe kiri kw isi ic’ ari co cose, canke mu kiguruka mu kirere ic’ ari co cose,


Ni mwamara kuvyara abana, mukagira n’abuzukuru, mumaze igihe kirekire mur’ ico gihugu, hanyuma mukihumanya, mukībāzira igishushanyo, mugishushanije n’ikintu ic’ ari co cose, mugakora ico Uhoraho Imana yanyu ibona kw ari kibi, mukayiratsa;


Enda bariritsa ivyo mu misi yahise, mutarabaho, muhēreye ku musi Imana yaremeyek’ umuntu mw isi, muhēreye no ku mpera y’ ijuru mukageza ku yindi, yuko higeze kubah’ igihwanye n’iki kintu gikomeye, canke ko humvikanye igihwanye na co.


Ni mwebge mweretswe ivyo kugira ngo mumenye yuk’ Uhoraho ari we Mana, ata yindi iriho atari we.


Wubahe so na nyoko, nk’ uko jewe Uhoraho Imana yawe nabikugeze, kugira ng’ urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha, uhamererwe neza.


Yamara, abo n’abantu bawe, ni bo cibare cawe, abo wakūjey’ ububasha bgawe buhambaye n’ukuboko kubanguye.


kuko muri we ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw ijuru n’ivyo mw isi, ibiboneka n’ibitaboneka, ur’ intebe z’icubahiro, ur’ ubgami, ur’ ubukuru, ur’ ububasha: vyose vyaremwe na we, biremerwa kuba ivyiwe.


mur’ iyi misi y’iherezo yabaririye twebge mu kanwa k’Umwana wayo, uwo yashiriyeho kuba samuragwa wa vyose, ni we yahaye kurema isi.


bati Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’ icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ