Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 27:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 ubatume amajambo bashīra ba shebuja, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Uku abe ari ko mubarira ba shobuja,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 27:4
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma y’ivyo, Mose na Aroni baragenda babarira Farawo, bat’ Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, igize ngo Rekura abantu bayo, bagende, bayigirire imisi mikuru mu bugaragwa.


Arik’ Uhoraho ni we Mana y’ukuri; ni we Mana nzima, n’Umwami yamaho ibihe bidashira: uburake bgiwe buhindisha isi agashitsi, kand’ amahanga ntashobora kwihanganira ubushangashirwe bgiwe.


Arik’ Umugabane w’ aba Yakobo we si kw ameze, kukw ari we Muremyi wa vyose; kand’ Abisirayeli ni bo muryango yagize ishamvu yiwe: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe.


Kand’ uz’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ni munywe, muborerwe, mudahwe, mwubameho, ntimuze musubire kuvyuka ukundi, kubg’ inkota nzorungika muri mwebge.


ibindi ubirungikire umwami w’i Edomu, n’umwami w’i Mowabu, n’ umwami w’Abamoni, n’umwami w’i Tiro, n’umwami w’i Sidoni, ubirungikane intumwa zaje i Yerusalemu zitumwe kuri Zedekiya, umwami w’i Buyuda;


mut’ Uhoraho agize ngo Ni jewe naremye isi, n’abantu n’ibikōko biri kw isi, mbiremesha ubushobozi bganje bginshi n’ukuboko kwanje kurāmvuye; kand’ ivyo mbigabira uwo ngomba.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Nambitse ingōgo z’ivyuma ku mazosi y’aya mahanga yose, kugira ngo basabe Nebukadineza umwami w’i Babuloni: kandi bazomusaba; kandi namuhaye ibikōko vyo ku misozi na vyo.


Arik’ umugabane wa Yakobo we si kw ameze, kukw ari we Muremyi wa vyose; kandi Isirayeli ni we muryango yagize ishamvu yiwe: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ