2 riti Rondera imvuto n’ingōgo, bimwe uvyiyambike mw izosi,
Maze Zedekiya mwene Kenayana yicurishiriza amahembe y’ivyuma, aravuga, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Aya mahembe ni yo uzokwirukanisha Abasiriya gushitsa baherengeteye.
n’i Edomu n’i Mowabu n’ab’ umuryango wa Amoni,
Arikw ihanga rizogondera izosi umwami w’i Babuloni, rikamusaba, iryo nzoryemerera kuguma mu gihugu cabo bgite, ni jewe Uhoraho mbivuze; bazokirima, bakibemwo.
Nuko mbarira Zedekiya umwami w’i Buyuda nk’ukw ayo majambo yose ameze, nti Ni mugondere izosi ingōgo y’umwami w’i Babuloni, mumusabe, musabe n’abantu biwe, mubone kubaho.
Maze kur’ uwo musi, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze, nzovuna ingōgo bambitswe, ndayikūre kw izosi ryabo, ncagagure imvuto baboheshejwe; kandi ntibazoba bakijakarira amahanga:
I Tahapanesi hazoba ubgirakabiri, igihe nzohavunagurira ingōgo Egiputa hahatwarisha igitugu, n’ubgibone buterwa n’ ububasha bgaho buzoshirira aho nyene; igicu kizohubikiza, kand’ abakobga baho bazojanwa ar’ inyagano.
Itegure iminyororo! Kukw igihugu cuzuye ubgicanyi, n’igisagara cuzuye umuryano.
Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, yarikw arazana inzige, ibirīra bigitanguye kumera; kand’ ivyo birīra n’ivyāmeze ah’ umwami ahejeje gutemesha.
Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, Umwami Uhoraho yahamagaye umuriro ngw awucishe amateka; ufyeta i bgina hahambaye, kandi wagira utōngōre n’igihugu.