Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 26:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 N’iki kikuvugisha mw izina ry’Uhoraho ngw Iyi ngoro izomera nk’i Shilo, ngo N’iki gisagara kizoba amatongo, ata wukikibamwo? Nukw abantu bose bakoranira kuri Yeremiya mu ngoro y’Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 26:9
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Akirikw aramubarira, umwami aramubaza, ati Har’ aho twākwātiye ng’ uje mu bashingantahe banje? Ziba, ntuhave ukubitwa! Nuk’ uwo muvugishwa arahora, arikw aravuga, ati Nzi yukw Imana yagabiye kukwica, ko wakoze ivyo, kandi wanse kwumva inama yanje.


ni bo bacumuza umuntu mw ijambo, bagatega umutego ūhanūrira mw ishikiro ry’igisagara, bakazibiranya umugororotsi n’amagambo y’ubusa.


Kuko Zedekiya umwami w’i Buyuda yari yamuboshe, ati N’iki gituma uvuga ng’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba nzotanga iki gisagara mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azohatsinda?


Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nt’ Aha hantu aho muririra, ngo Harakomvomvowe, ata muntu agisigayeho cank’ igitungwa, ngo No mu bisagara vy’i Buyuda n’ uko, no mu miharuro y’i Yerusalemu, ngo Hasigaye ar’ imisaka, ata n’umuntu ata n’ūkihaba ata n’igitungwa;


Kandi ku vya Yehoyakimu umwami w’i Buyuda uvuge, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Waturiye uwo muzingo, uvuga ngo N’iki kiwukwandikishije ut’ Umwami w’i Babuloni ntazobura kuza ngw ahonnye iki gihugu, akimaremw’ abantu n’ibitungwa?


Kand’ i Yerusalemu nzohahindura ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge; kandi n’ibisagara vy’i Buyuda nzobihindura amatongo, ata wukihaba.


Vyatewe n’ivyaha vya ba kamenyi baho, n’ibigabitanyo vy’abaherezi baho, Bāvishirije amaraso y’abagororotsi hagati muri ho.


Banka ūhanūrira mw ishikiro ry’igisagara, bakazinukwa ūvuga ivy’ ukuri.


Bavuga, ngo Ntimukavugishwe! Bati Ntihaze hagire abavugishwa ben’ ivyo! Yamar’ ibimāramāza ntibizovaho.


Yinjiye mu rusengero, arikw arigisha, abaherezi bakuru n’abashingantahe b’ubgo bgoko baza kuri we, baramubaza, bati N’ububasha ki bugutera gukora ivyo? Kandi ni nde yaguhaye ubgo bubasha?


Arikw abaherezi bakuru n’abashingantahe bosha ishengero ngo rimusabe Baraba, ryicishe Yesu.


Maz’ abaherezi bakuru bosha ishengero gusaba ngw ivyoba vyiza abarekurire Baraba.


Ayo majambo yayavugiye mw iyakīriro ry’amashikanwa, arikw arigisha mu rusengero; kandi nta n’umwe yamufashe, kukw igihe ciwe kitaribgashike.


Baca batora amabuye yo kumutera, maze Yesu arihisha, ava mu rusengero.


Arikw Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, n’abakuru bo mur’ ico gisagara, bavyurira akadenderezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntāra yabo.


Igisagara cose kiravurungana, abantu barashwabaduka: basūmira Paulo, baramukwega bamukūra mu rusengero; ako kanya bugara inzugi.


Baramwumviriza gushitsa kur’ iryo jambo: maze basemerera n’ijwi rirenga, bati Kūra ūmeze artyo mw isi, na kare ntiyar’ abereye kubaho.


Agifashe Petero na Yohana, abantu bose birukira kuri bo, bakoranira kw ibaraza ryitwa irya Salomo, batangaye cane.


Ibimenyetso n’ibitangaza vyinshi bikorwa mu bantu n’amaboko y’intumwa: kandi bose bākoranira mw ibaraza rya Salomo n’umutima uhūye:


ati Mbega ntitwabīhanije cane kutigisha muri rya zina? None rāba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu; ico murondera n’ukudushirakw amaraso ya wa muntu.


kuko twumvise avuga, ati Yesu Umunyanazareti azokombora aha hantu, kandi ngw azohindura imigenzo twahawe na Mose.


Maz’ ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bakoranira i Shilo, bahashinga ihema ry’ibonaniro; kand’ igihugu cari kimaze gukōndōka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ