Kuko Zedekiya umwami w’i Buyuda yari yamuboshe, ati N’iki gituma uvuga ng’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba nzotanga iki gisagara mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azohatsinda?
Maze Amaziya umuherezi w’i Beteli atuma kuri Yerobowamu umwami w’Abisirayeli, uti Amosi yagutereye abantu umugararizo mu b’inzu ya Isirayeli: igihugu nta ho cotorana itiro amagambo yiwe n’ukw angana.
Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica: