7 Maz’ abaherezi na ba kamenyi n’ abantu bose bumva Yeremiya avugira ayo majambo yose mu ngoro y’Uhoraho.
ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?
Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.
Abavugishwa bawo n’ibihuruduka kandi n’abaryarukanyi; abaherezi bawo bahumanije ahēra, kandi bishe ivyagezwe ku manyama.
Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe babonye ibitangaza akoze, n’abana basemererera mu rusengero, ngo Hoziyana mwana wa Dawidi; baritonganya,
Maz’ umuherezi mukuru ahagurukana n’abāri kumwe na we bose, ni bo muce witwa uw’ Abasadukayo, buzura ishari,