Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 26:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ngo Ni ho azohindura iyi ngoro kuba nk’i Shilo, kandi n’iki gisagara ngw Azogihindura ikivume ku mahanga yose yo mw isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 26:6
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ngo Kuko watsinzwe mu mutima wawe, ukicisha bugufi imbere yiwe, igihe wumva ivyo yavuze kur’ aha hantu bo n’abahaba, ingene hazocika imisaka n’ikivume, ukitantamurirakw impuzu zawe, ukaririra imbere yiwe, ngo Na we arakwumvise; ni k’Uhoraho agize.


Ni co kizotuma ntētereza abakuru b’ahēra, kandi Yakobo nzomuhindura ikivume, na Isirayeli igitutsi.


Kand’ izina ryanyu muzorisigarana abo nitoranirije, barigire umuvumo, bat’ Urakicwa n’Uhoraho Imana! Maz’ abasavyi banje bazokwitwa irindi zina.


mbere nzobatanga batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo mbagirire nabi; bazoba igitutsi n’iciro ry’imigani n’agatwengo n’ ibivume, ahantu hose aho nzobirukanira.


ni yo aya: Yerusalemu n’ibisagara vy’i Buyuda n’abami baho n’abaganwa baho, ngo hacike imisaka n’akajoreza n’aho kuvuzwakw agahwa n’ikivume, nk’uko nyene bimeze uyu musi;


Nzobirukanisha inkota n’inzara n’ikīza, mbatange batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo babe ibivume n’akajoreza n’ abo kuvuzwakw agahwa n’igitutsi mu mahanga yose aho nabirukaniye;


kandi bazohinduka umuvumo wo kuvumana w’abambukanywe bose b’i Buyuda bar’ i Babuloni, ng’ Uhoraho arakakugira nka Zedekiya na Ahabu, abo umwami w’i Babuloni yataze ku muriro babona;


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ngo Nk’uk’ uburake bgiwe n’ubushangashirwe bgiwe vyasutswe ku baba i Yerusalemu, ni k’ubushangashirwe bgiwe buzosukwa kuri mwebge ni mwaja muri Egiputa; ngo Muzoba igitutsi n’ akajoreza n’ikivume n’iciro ry’ imigani: ngo Kandi ntimuzosubira kubona aha hantu.


Bigatuma Uhoraho atagishobora kuvyihanganira, kubg’ ibibi vy’ibikorwa vyanyu, no kubg’ ibizira vy’ ubuyobe mwakoze; ivyo ni vyo vyatumye igihugu canyu gihinduka imisaka n’akajoreza n’ikivume, ata wukikibamwo, nk’uko bimeze n’ uyu musi.


Abahita bose bakwitamba ku muvyimba bakubita amashi ku yandi; Bakavuza agahwa, bakazunguriza imitwe umukobga w’i Yerusalemu, Bati Mbeg’ iki ni ca gisagara abantu bāhora batazira, ngo Ni Nyamwiza w’agahore, ngo Ni Munezero w’isi yose?


Abansi bawe bose barakwasamiye cane, Bavuza agahwa, bagahekenya imisaya, bati Twarahayongobeje; Bati N’ukuri uyu ni wo musi twari twiteze; none turawushitseko, turawiboneye.


Ni koko, Abisirayeli iyo bava bakagera bacumuye ku vyagezwe nawe, baratambama ngo ntibumve ijwi ryawe; ni co catumye dusukwamw’ umuvumo, bo n’indahiro vyari vyaranditswe mu vyagezwe vya Mose umusavyi w’Imana, kuko twayicumuyeko.


Arambarira, at’ Uwo n’umuvumo urekuwe ng’ ukwire isi yose: igihe uwiba wese yīrāye kirahāgije, kandi n’igihe ūrahira wese yīrāye kirahāgije.


Uwo ni we gisāngānya azosāngānya imitima ya ba se n’iy’ abana; kugira ngo noye kuzoza ngatera isi umuvumo.


Maz’ ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bakoranira i Shilo, bahashinga ihema ry’ibonaniro; kand’ igihugu cari kimaze gukōndōka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ