Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 26:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 ngo mwumvire amajambo y’ abasavyi biwe avugisha, abo abatumako, mber’ akāma azindurwa no kubatuma, mukanka kubumvira,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 26:5
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yamar’ Uhoraho yama abūrira Abisirayeli n’Abayuda, abicishije mu bo yavugisha bose no muri ba kamenyi bose, ati Ni muhindukire, mureke ingeso zanyu mbi, mwitondere amabgirizwa yanje n’amateka yanje, nk’ ukw ivyagezwe vyose biri, ivyo nageze ba sogokuruza banyu, nkagenda ndabibabarira, ndabicishije mu basavyi banje navugisha.


gushitsa ah’ Uhoraho yabakūriye imbere yiwe, nk’uko yari yarabivugiye mu basavyi biwe bose yavugisha. Uko ni kw Abisirayeli bāmbukanywe, bakūrwa mu gihugu cabo bajanwa muri Ashuri, gushitsa na bugingo n’ubu.


Maz’ Uhoraho amutēza ibitero vy’Abakaludaya n’ivy’ Abasiriya n’ivy’ Abanyamowabu n’ivy’ Abamoni, abagomorera i Buyuda ngo baharandure, nk’ukw ijambo ryiwe riri, iryo yavugiye mu basavyi biwe yavugisha.


Kandi ng’ Uze wice ab’ inzu ya Ahabu shobuja, ngo Kugira ngw ahōre Yezebeli amaraso y’abasavyi biwe b’abavugishwa, n’ay’ abandi basavyi biwe bose yavishije.


ivyo washingiye mu basavyi bawe wavugisha, ukavuga, ut’ Igihugu mugiyemwo ngo mucegukire n’igihugu candujwe n’ibizira vy’amahanga yo mur’ ivyo bihugu, n’ivy’ ubuyobe bakora, bacujuje ubuhumane bgabo hose iyo kiva kikagera;


Kuko nihanikirije rwose ba sogokuruza banyu, mpereye umusi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa ngashitsa no kur’ uyu musi, nzinduka mbihanikiriza, mvuga nti Ni munyumvire.


kuko batumviye amajambo yanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, ayo natumye abasavyi banje mvugisha, nama nzindurwa no kubatuma, ariko ntibaruha bumva, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Banteye ibitugu mu gishingo co kuntumbera, naho nabahanūra nkāma nzindurwa no kubahanūra, yamara ntibanyumviye ngo babishire ku mutima.


Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.


nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, nt’ Ehe nzozana ku Bayuda no ku baba i Yerusalemu bose ivyago vyose nabageneye, kuko nababūriye bakanka kwumva, nkabahamagara bakanka kwitaba.


Yamara nabatumyekw abasavyi banje bose, ni bo bavugishwa nanje, nama nzindurwa no kubatuma, nti Ntimugakore ico kizira c’ubuyobe nanka urunuka.


Kandi none, ko mwakoze ivyo bikorwa vyose, ni jewe Uhoraho mbivuze, nkaba nari naravuganye namwe nzinduwe no kubabgira, ariko ntimwumve, nkabahamagara ariko ntimwitabe;


Uhereye umusi ba sogokuruza banyu bāviriye mu gihugu ca Egiputa ugashitsa no kur’ uyu musi, nabatumyekw abasavyi banje bose, ari bo mvugisha, nama nzindurwa uko bukeye no kubatuma:


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega si wewe navuze mu bihe vya kera, mvugiye mu basavyi banje b’Abisirayeli navugisha, bābūye imyaka myinshi mur’ ico gihe, yukw ari wewe nzorungika kubatera?


Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.


Arikw amajambo yanje n’ivyagezwe vyanje nageze abasavyi banje navugisha, mbega ntivyashitse kuri ba sogokuruza? Maze bīsubiramwo, baravuga, bati Nk’uk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagabiye kw azotugirira, ngw atwishure ibihwanye n’ingeso zacu n’ivyo twakoze, ni ko yadukoreye.


ariko mu misi y’ijwi ry’umumarayika w’indwi, ah’ azoba agira avuze inzamba, ni ho ibanga ry’Imana rizoba riheraherejwe, nk’uko yabariye abasavyi bayo ubutumwa bgiza, ni bo bavugishwa na yo.


Kand’ amahanga araraka, uburake bgawe buraza, igihe co guciramw’ amateka abapfuye kirashika, n’ico kugereramw’ abasavyi bawe, ni bo bavugishwa nawe, no kugerera abera n’abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamw’ abahonnya isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ