Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 26:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kumbure bohava bumva, umuntu wese agahindukira akareka inzira yiwe mbi, ngo nanje mbone kwigarura, ndeke ibibi mmaramaje kubakorera kubg’ ibibi vy’ibikorwa vyabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 26:3
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Ahabu yumvise ayo majambo, aca yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara amagunira, arisonzesha, aryama mu magunira nyene, agenda yifumbereje.


riti Mbeg’ urabonye ingene Ahabu yicishije bugufi imbere yanje? Ko yicishije bugufi artyo imbere yanje, sinzozana ivyo vyago ku ngoma yiwe, ariko ku ngoma y’ umuhungu wiwe ni ho nzozana ivyo vyago ku nzu yiwe.


None rero mutunganye ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, mwumvire Uhoraho Imana yanyu; maz’ Uhoraho azokwigarura areke ibibi yar’ abageneye.


Mbega Hezekiya umwami w’i Buyuda n’Abayuda bose mugira ngo bāramwishe? Hezekiya ntiyaciye atinya Uhoraho, akamukomera ibobo, Uhoraho na we akīgarura akareka ivyago yari yabageneye? Twogira ico tumugira twoba dukwegeye ubugingo bgacu ivyago bihambaye.


Kumbure ab’ inzu ya Yuda bokwumva ivyago vyose nageneye kubatēza, bagahindukira, umuntu wese akava mu nzira yiwe mbi, kugira ngo mbone guharira ukugabitanya kwabo n’icaha cabo.


Kumbure bokwitwara k’Uhoraho, bagahindukira, umuntu wese akareka inzira yiwe mbi: kuk’ uburake n’ubushangashirwe, ivyo Uhoraho yabūye kur’ ubu bgoko, ar’ ibihambaye.


Nuko rero wewe mwana w’ umuntu, ni witegure ibintu vyo ku nzira, uheze ujonjore ku murango bakubona; ujonjore uve i wawe uje ahandi bakubona: kumbure vyobatera kwibaza, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.


Arik’ umunyavyaha ni yahindukira akava mu vyaha vyiwe vyose yakora, akitondera ivyagezwe vyanje vyose, agakora ibitunganye n’ibikwiye, n’ukuri azobaho, ntazopfa.


Sinzogenza nk’uk’ uburake bganje bg’inkazi buri, sinzohindukiranwa no kugeseza Efurayimu: kuko jewe nd’Imana, ntar’ umuntu; nd’ Uwera ari hagati muri wewe: sinzoza ndi n’uburake.


Nta wubizi: kumbure yohindukira, ikīgarura, ikabasigarana umuhezagiro, ni wo mafu y’amashikanwa n’ibiturire vyo gushikanira Uhoraho Imana yanyu.


Asenga Uhoraho, ati Mbega, Uhoraho, si co navuze nkiri mu gihugu cacu? Ni co catuma nshōka mpungira i Tarushishi; kuko namenye k’ur’ Imana y’inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ