Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 26:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Hagarara mu nyubakwa y’ingoro yanje Uhoraho, ubarire ab’ibisagara vyose vy’i Buyuda baza gusenga mu ngoro yanje, amajambo yose nkubarira yo kubabgira: ntusige na rimwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 26:2
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None rero wewe va hasi ukenyere, ubabgire ivyo nkubarira vyose: ntuhindishwe agashitsi na bo, kugira ngo noye kuzoguhindishiriza agashitsi imbere yabo.


Arik’ Uhoraho arambarira, ati Nta co uvuga, ngo Ndacari muto; kuk’ uwo nzogutumako wese ari we uzojako, kand’ ico nzokubarira cose akaba ari co ukwiye kuvuga.


Nuko Yeremiya aragaruka avuye i Tofeti, ah’ Uhoraho yari yamutumye kuvuga imbūri; maz’ ahagarara mu rugo rw’ingoro y’ Uhoraho, abarira abantu bose,


Kamenyi ni yagira ico yarose, n’akirotore; kand’ ūfise ijambo ryanje n’ avuge iryo jambo adacishije i ruhande. Mbeg’ umuguruka uhwanye ute n’ingano? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Iryo ni ryo Yeremiya uwavugishwa n’Imana yabariye abantu bose b’i Buyuda, n’ababa i Yerusalemu bose,


Maze Yeremiya ūvugishwa n’Imana yishurira Hananiya kamenyi imbere y’abaherezi n’imbere y’abantu bose bāri bahagaze mu ngoro y’Uhoraho;


Nuko Baruki asoma muri ca gitabo amajambo ya Yeremiya ahagaze mu ngoro y’Uhoraho, mu cumba ca Gemariya mwene Shafani umukarani, cari mu kigo ahahera haruguru, mw ishikiro ry’ikirimba gisha kija ku ngoro y’Uhoraho, ayasomera abantu bose.


Nuk’ uwavugishwa n’Imana Yeremiya arabishura, at’ Ego ndumvise; ngiye kubasengera k’Uhoraho Imana yanyu nk’uko muvuze: maz’ ico Uhoraho azonyishura cose nzokibabarira; sinzogira ico mbahisha.


riti Hagarara mu kirimba kirora ku ngoro y’Uhoraho, uhatāngārize iri jambo, uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge mwese b’i Buyuda, abaca mur’ ibi birimba ngo musenge Uhoraho.


Nawe naho wobabgira ayo majambo yose ntibazokwumva; kandi naho wobahamagara ntibazokwitaba.


Maz’ arongera arambarira, ati Mwana w’umuntu, amajambo yanje yose nzogenda nkubarira uz’ uyākīre mu mutima wawe, uyumvishe n’amatwi yawe.


Ni ko nawe, mwana w’umuntu, nagushizeho kubera ab’ inzu ya Isirayeli inderetsi; nuko wumve ijambo riva mu kanwa kanje, ubanshikiririze imbūri.


Maz’ uwo muntu arambarira, ati Mwana w’umuntu, urakanura manini, wumvishe amatwi yawe, ushire umutima ku vyo ngira nkwereke vyose; kukw icatumye uzanwa hano kwar’ ukugira ngo mbikwereke: ivyo ubona vyose ubimenyeshe ab’ inzu ya Isirayeli.


mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.


Kandi yigishiriza mu rusengero imisi yose. Arikw abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abantu bakuru‐bakuru bo mur’ ubgo bgoko barondera ingene bomwica,


Yesu aramwishura, ati Nabarira ab’ isi mvyeruye, nahora nigishiriza mu masinagogi no mu rusengero ah’ Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho.


Mu gaturuturu asubira mu rusengero, abantu bose baza ah’ ari, aricara arabigisha.


Kandi murazi yukw ata jambo ribereye nacishije i ruhande kubabgira canke kubigishiriza imbere y’abantu mu nzu no mu yindi.


kuko ntacishije i ruhande mbabgira ivy’ Imana yagabiye vyose.


Haza umuntu arababarira, at’ Erega ba bagabo mwashira mw ibohero bari mu rusengero bahagaze bigisha abantu.


Kand’ imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo.


Ico mbageze cose muze mucitondere, mugishitse; ntimuze mucungurireko, canke ngo mukigabanye.


arikw ahantu Uhoraho Imana yanyu azotoranya mu miryango yanyu yose ngw ahashire izina ryiwe, aho hantu nyene azogerēra az’ abe ari ho muzohora mumubariza, abe ari ho muja gushengerera.


Ntimuze mwungurire ku vyagezwe mbagera, canke ngo mubigabanye, kugira ngo mubone kwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu mbagera.


Nta jambo na rimwe mu yo Mose yageze yose, Yosuwa atāsomeye imbere y’ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, hamwe n’abagore n’abana n’abanyamahanga bāgendana na bo.


Kandi ni hagira umuntu akūra ku majambo y’igitabo c’ibi vyavugishijwe na yo, Imana izomukūra ku mugabane wa ca giti c’ubugingo no ku wa wa murwa wera, vyanditswe mur’ iki gitabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ